Icibutso c’umugambwe CNDD FDD caraye gisambuwe ejo ku musi mbere igenekerezo rya 13 Myandagaro muri komine Mugina mu ntara ya C’ibitoke n’abantu bataramenyekana.
Amakuru atangwa n’abajejwe umutekano amenyeshako abantu basambuye ico cibutso gushika ubu bataramenyekana.
Mwomenya ko atari ubwa mbere inyubako z’imigambwe zibomorwa n’abantu batazwi ngaho mu ntara ya C’ibitoke ,ingoro y’umugambwe wa UPRONA nayo nyene ikaba yaheruka kubomorwa n’abantu batamenyekanye.