Sentare Nkuru ya Mukaza yaciriye umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya Buterere gufungwa imyaka 5

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere,Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ariko akorera ikibazo ca Reta «Examen d’Etat» yigize umunyeshure,yaciriwe gufungwa umunyororo w’imyaka 5 hamwe no kumara imyaka 10 adakora akazi ka Reta.

Mururwo rubanza,Benjamin MANIRAMBONA yaciriwe gutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 200 vy’amafaranga y’amarundi.

Uwujejwe ivyigwa hamwe n’umwanditsi w’iryo shure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere bafashwe igihe umuyobozi w’iryo shure yafatanwa itonga nabo basabiwe n’umucamanza gufungwa imyaka 6.

Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ku musi wa kane w’indwi iheze igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018 yambaye umwambaro w’umunyeshure w’ishure arongoye ariko akora ikibazo ca Reta ku kigo c’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika.