“Ibigigwamana canke ukwemera? “

Ibanga ryo kwemera ngo ni agatangaza. Ababona aya masanamu bibaza vyinshi abandi bakavuga vyinshi. Abavuga nabo yuko hari ico babiziko nabo baragerageza gusigura ngo batahuze abantu. Abatanyugwa nizo nsiguro babishira kubutandukane bw’amadini muburyo amwe bayashira mu ruhande bw’ubuzimire ayandi akaja mu ruhande rw’ukugororoka.

None ko bose bemera yuko Bibiliya Yera ari igitabo cahumetswe n’Imana, bafata gute Kuvayo 20:1-5 « …Ntukibazire igishushanyo canke igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw’ijuru, canke kw’isi, canke mu mazi yo mukiyaga; ntuze uvyikibite imbere kandi ntuze ubisabe…. »

Ni umutima bwenge n’umutima nama w’umuntu wo kumutahuza ico ayo majambo asigura n’abo yagenewe. Maze ugahitamwo ico wemera. Muzigamwe.