Abacamanza bo muri Tchad bashinze urubanza basaba ko imbuga ngurukanabumenyi zugaye mu kwezi kwa gatatu zofungugwa, abakoresha telefone zigendanwa bakongera gushobora guhererekanya ubutumwa.
Bavuze ko bashaka ko ibigo bibiri vy’ingenzi vy’itumanako muri iki gihugu vya Airtel na Tigo, vyongera gutuma abafatabuguzi bavyo bakoresha imbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp, Messenger, Facebook, Viber na Twitter.
Nta mpamvu yatanzwe yo gufunga izo mbuga nkoranyambaga.
Guhagarika imbuga nkoranyambaga byategetswe nyuma y’icyemezo kitavuzweho rumwe cyo guhindura itegeko-nshinga ry’iki gihugu – ibintu byatuma Perezida Idriss Deby wa Tchad aguma ku butegetsi kugeza mu mwaka wa 2033.
Bwana Deby ari ku butegetsi guhera mu mwaka wa 1990.
Mu gihe cy’amatora ya perezida yabaye mu mwaka wa 2016, imbuga nkoranyambaga nabwo zarafunzwe mu gihe kigera hafi ku mezi atandatu. Icyo gihe leta yatangaje ko zahagaze kubera ibibazo bya tekiniki.
Umwunganizi mu mategeko Maitre Frédéric Daïnonet ukuriye urugaga rw’abunganizi mu mategeko batanze ikirego mu rukiko ku wa gatandatu, yabwiye ishami rya BBC Afrique ritangaza mu Gifaransa ko guhagarika imbuga nkoranyambaga bibangamiye uburenganzira bw’abafatabuguzi.
Byitezwe ko urukiko rwo mu murwa mukuru N’Djamena ruzatangira kuburanisha uru rubanza ku itariki ya 28 y’uku kwezi kwa munani.
Urwego rugenzura ibigo by’itumanaho muri Tchad ntacyo rwatangarije BBC ku mpamvu y’ihagarikwa ry’izo mbuga nkoranyambaga.
Hagati aho, bamwe mu bazikoresha bakomeje kuzikoresha bakoresheje uburyo buzigeraho bunyuze mu bihugu by’amahanga, bigatuma igiciro gisanzwe kiri hejuru kikuba kabiri cyangwa na gatatu buri munsi. GB imwe isanzwe igura amadolari 21 y’Amerika.