Umukuru w’umugambwe UPRONA yagenywe kuba umuyobozi w’ishirahamwe rijejwe kuvura abakozi

Abel GASHATSI arongoye umugambwe UPRONA yagenywe ngo abe umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi « Mutuelle de la fonction publique ».

Itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/117 ryo kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka wa 2018 rimenyeshako Abel GASHATSI agenywe kuba umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi.

Abel GASHATSI asubiriye Concolie NIBIGIRA yahora atwara iryo shirahamwe kandi akaba ariwe babisikanije mu kurongora umugambwe UPRONA.