*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Abarundi bose n’Uburundi y’ejo na Samedi* Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwagatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundi.
URUFATIRO.
« IHANE UREKE GUTA UMWANYA KUKO UGUTWI KW’ISUMBA VYOSE GUHORA KUBAGOROROTSI”
IBISOMWA
Mt 2:19-20
Daniel 9:20-23
Daniel 10; 10-12
Umisiguzi 12:13-14
Kuvayo 2:23-25; 3: 7-9
INDIRIMBO
49; 36 ; 64; 68;100; 124; 147; 150
Ushobora kuba umaze igihe usenga, ubabaye urushe , ukibaza uti mbe Imana nsenga iri hehe? Abanyisaraheri bamaze igihe kirekire bacurwa bufuni na buhoro; bararira ; baratakamba ;baraboroga ; iminiho yabo imana irabunva iramanuka irabatabara.nawe itangazo nuko farawo yahora akurwanya yapfuye. Imana ititaye kugihe ikibazo cawe kimaze iraje kugutabara.amasengesho yawe yarunviswe.igihe Herode yapfa Yosefu yaciye abwirwa guhungukana umwana nanyina. Nawe ushobora kuba warahungishijwe naherodi, ibibazo, indwara , inzara, kurenganywa…. Herodi yakirwanya ya pfuye akira kwidegemvya.
IVYOGUSENGERA:
-IMPUNZI
-ABAGWAYE
-ABASHONJE
-ABA PFUNZWE
-ABAKURU BIHANGA NIHANGA RYOSE
-ABATAGIRA SHINGE NA RUGERO
-ABIZIZIWE NIMPWEMU MBI ZO KUGWANYA UMUGAMBI W’IMANA.
Nidusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura le 20/08/2018
abisezerano.com