Umushikiranganji w’imigenderanire y’igihugu ca Espagne n’amakungu yavuze ko Trump yamuhanuye kwubaka uruhome mu karere k’ubugaragwa bwa Sahara, mu ntumbero yo guhagarika ingendo z’abimukira.
Umushikiranganji Josep Borrell yavuze ku munsi wa kabiri ko Perezida wa Amerika Donald Trump yamuhanuye « kwubaka uruhome mu bugaragwa bwa Sahara » mu gutorera umuti ikibazo c’abimukira baguma biyongera baja kurondera ubuhungiro mu bihugu vya Buraya.
« Kwugara ibivuko siyo nyishu, si inyishu iruta kwubaka uruhome muri Sahara, nkuko Perezida Trump yahanuye vuba, » niko Borrell avuga.
Uwo mushikiranganji wa Espagne, yashikirije ayo majambo asangira n’abamenyeshamakuru i Madrid, ariko ntiyavuga igihe n’aho Perezida wa Amerika yatangiye iyo mpanuro.
Ariko yarafise amakenga ku majambo ya Trump: « Mbe murazi ingene Sahara ingana? » Niko yabajije.
Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu yavuze ko ata kindi kintu bongerako kuri ayo majambo.
Ku bw’itangazamakuru rya Espagne, Trump yabwiye abahagarariye ubuserukizi bwa Espagne ko « uruhome rwo muri Sahara rudashobora kuba runini nk’urwokubakwa ku rubibe rwa Mexique. »