*Umutumiro w’amasengesho y’ihanga ry’Imana ya Mercredi na Samedi (14 na 17/11/2018): aho uri hose wibuke gusenga usengera igihugu c’uBurundi n’abarundi bose*
Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse ku minsi ya Mercredi na Samedi twama dufise amasengesho y’Ihanga ry’Imana ryose uretse amasengesho akoregwa mu bicaniro bitandukanye n’agigwa n’imigwi itandukanye. Abari muri Africa na Europe, America na Canada, Asia na Australia ayo masengesho y’umundi wose uyakorera aho uri hose ugafata imyanya y’imyihariko yo kwiherera usengera iyo mitwaro.
I. Urufatiro : « Twizere kugira dushikire ivyo twasezeraniwe » (Abaroma 4:13-25); na 2 Ngoma20:3 (YOHOSHAFATI AGIRA UBWOBA, ACA AGIRA UMWETE WO KURONDERA UHORAHO, ASHINGA UMUSI WO KWISONZESHA MU BUYUDA HOSE)Bakundwa, ibihe n’ibibazo tugenda tugira ntibidutere ubwoba kuko hari ubushobozi bw’amasengesho, Yehoshafati amaze kubona ko atarindi saganyirizo yirukiye ku Mana.
None nawe ntahandi ufise atarukwambara amagunira no kwisiga iminyota tukaririra Imana.
II. Inyigisho zo gusoma:
-Nimba warasezeraniwe izere;(itanguriro 17:19)
– Kura gukekeranya kuko ntakinanira Imana(itanguriro 18:15)
★ :indirimbo : 126; 39; 249; 210
III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:
1. Yesu ati (nimuze mwebwe mwese murushe nabaremerewe)
Bagenzi, mureke kwiganyira mu makuba, ubukene, inzara , urwanko n’imibabaro.
IV. ICO USABWA KUGITI CAWE
1. Igigwa kure icaha n’igisa naco maze wirabire ugutabagwa n’Imana kugushikeko.
2. Iyambure ubwoba bwose umenye yuko Imana iri kumwe nawe, uhagarare mu kugororoka.
3. Izigire Uhoraho gusumba amakuru n’ayandi majambo y’abana babantu, wirinde ibigigwamana kugira wibonere ubwiza bw’Uhoraho.
IV. IMITWARO
1. Gusengera ihanga ry’Imana ryose.
2. Gusengera abizeye Isezerano Uhoraho Imana yahaye uBurundi bose.
3. Gusengera no gushika kubagwaye, impfuvyi, abapfunzwe; n’abapfakazi; abageze muza bukuru n’abari mubibazo bitandukanye.
4. Gusabira abakozi b’Imana n’avavugishwa nayo barindwe kandi bongerwe inkomezi.
**Uribuke gushikiriza iciza wakoze umwe muri iyo minsi ibiri. Abana b’Imana ntibarangwa n’a masengesho gusa mugabo n’ibikogwa vy’imbabazi**
Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri . Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .
Bigiriwe I Bujumbura 13/11/2018,
Abashumba b’Ihanga ry’Imana.