Ishirahamwe rihurikiyemwo amabanki akorera mu BURUNDI ABEF (Association de Banques et Etablissements financiers) ryaronkeje inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi imfashanyo y’amafaranga angana imiriyoni 23 y’amafaranga y’amarundi azofasha mu gikorwa co kwakira inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka yo mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko. Umukuru wa ABEF Audace BURUKU yamenyesheje ko batanze iyo mfashanyo ku nama nshingamateka na nkenguzamateka kuko izo nkino zigiye gutunganirizwa hano i Burundi zitwara uburyo bwinshi.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka Anicet NIYONGABO yamenyesheje ko ashima intererano bahawe n’ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi kuko yazofasha gutegura neza izo nkino zimirije kuko zizokwitabwa n’abantu benshi. Anicet NIYONGABO asaba abandi bantu gushobora gufasha uburyo murico gikorwa kugira izo nkino bazozitegure neza. Bitegekanijwe ko inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko zizoba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018 gushika kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2018 hano i Bujumbura.