Amajambo y’ubwenge ukwiriza no kugendera

IGITUMA UMUNTU ABA UMUNTU YUZUYE:

1. si ugutunga vyinshi.

2. Si ukwiga bihambaye

3. Si ukuba mu nzu ibambaye.

4. Si ukurya agahaga nk’utazongera

5. Si ukugira abagenzi benshi

6. Si uguhembwa menshi.

Oya oya!!

1. Ni ukugira umutima wuzuye impuhwe

2. Ni ukwigarura iyo usanze wihenze

3. Ni ukwibwiriza

4. Ni ukumviriza abandi

5. Ni ukwama wiga kuko hari ivyo abandi bakurusha

6. Ni ukugira ivyo utanga ngo abandi banezerwe.

7. Ni ukuzirikana ko uri mu rugendo

8. Ni ukwubaha abandi kandi bose

9. Ni ugukoresha neza umwanya wawe kuko utazi ivy’ejo!

10. Ni ukwimika Imana ikakuyobora muri vyose.

Imana iguhe ubwenge bwo kuyirondera no kuyitunganira.

Amahoro n’ umugisha bibe kuri mwebwe.

Une réflexion sur “Amajambo y’ubwenge ukwiriza no kugendera

Les commentaires sont fermés.