Baca bishura umwami, bat’ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo

DANIYELI 6:13 Baca bishura umwami,bat’ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda,ntaruha akubara,mugenzi,canke ca cihanikirizo wasinyeko,arikw’asenga gatatu gatatu Ku musi.

Tugiye kuvugana ikirwanishwa citwa ugusenga.

Daniyeli abarwanizi biwe,bari babizi ko asenga. Mbega nawe,satani aravyemeza ko usenga? Erega niwaba usenga wizeye, ntuzoneshwa!!! Ugusenga nikwo gutuma uronka ivyo watakaje, nikwo gutuma ukomerezwa mu mugambi w’Imana.

Reka ubuzima bwacu tubugire ubwo gusenga.Tuzokizwa no gusenga kandi tuzokirisha benshi.

Dusenge: Uhoraho we,turakwingize ngo ubanze utwakirire amashimwe yacu tugushimiye kuko uri Umuremyi wacu,umukiza,umuzigamyi,igitare n’urukundo. None tugusavye izindi mbaraga zo gusenga,uduhe kunesha ivyotunesheje.Ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen.