Maze ba bigishwa cumi n’umwe baja i galilaya Ku musozi Yesu yabarangiye

MATAYO 28:16-17 Maze ba bigishwa cumi n’umwe baja i galilaya Ku musozi Yesu yabarangiye;bamubonye,baramusenga,ariko bamwe barakekeranya.

Uhoraho aturinde gukekeranya. Imana ntibesha. Yesu yari yarabamenyesheje ko azozuka,kandi amaze kuzuka yariyeretse bamwe muri bo,noneho arababwira ati duhurire I galilaya kuri Wa musozi.Bose baragiye barashikayo.Yesu nawe araza. Bamwe baramwizera kandi baramwubaha batako baramusenga,abandi na bo barakekeranya.

Uhoraho aduhe kumwubaha no kumwubahisha.

Tureke gukekeranya. Niwagira ikikugoye siguza Imana.Niwaba mu bibazo no muntambara senga Imana yawe,kuko niyo ifise iherezo ry’ubuzima bwawe.

Ririra Imana kuko irashoboye kurema bishasha ikabiguhezagiza.

Dusenge: Uhoraho nyen’ijuru n’isi erega uri mwiza cane.Babarira ivyaha vyacu,uturinde gukekeranya ahubwo uduhe kunezerwa no kugushima ni mw’izina rya Yesu Kristo dusenze twizeye. Amen

Muhezagirwe.