Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, irikinga, Arikw’ imburabwenge zikomeza inzira zikigabura.

IMIGANI 27:12 Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, irikinga, Arikw’ imburabwenge zikomeza inzira zikigabura.

Tugire ubwenge kandi twitwararike ivyo twumvise.

Iyo ikibi kije bisaba twirinde,mbere tukizibukire. Naho vyoba ari ibiguha amahera ariko bikaba bije munzira itari nziza,ndagusavye ngo wirinde.

Ntuze wemere kuba icabona c’ibinyoma ngo n’uko utabeshe mu muryango canke mu kazi boca bakwirukana.

Mu bitakworohereza,uhamagarirwa kwumira kw’ibanga.

Dusenge: Mwami wacu Yesu turagushimiye kuko udukunda bitagira urugero. Babarira ivyaha vyacu vyose. Uturinde kwishushanya no kugira nkunzi kuko nawewe udacagura ariko uwukwubaha nawe umwubahisha,Uhoraho we. Ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen.