Abarundi batanu n’umutanzaniya biciwe mu gihugu ca Tanzania bahogwa kuba abasuma bibisha ibigwanisho

Abarundi batanu bishwe harimwo Theophile MANIRAKIZWA avuka mu RUGOMBO biciwe kukituro ca Mabusi ahitwa UBUNGO i DAR ES SALAAM, bakaba bafatanywe inkoho 3 amagrenade 8 n’amasasu menshi. Uwo musuma yari yitwaje na cangombwa c’umugambwe CNDDFDD akaba yakorana n’abandi basuma b’Abarundi n’abatanzaniya bize ivya gisirikare. Leta yatanzaniya yatangaje ivyo ihejeje kubicira aho bari bagiye kwiba.