Ivyavuye ku musozi w’amasengesho vyo kuburira Ihanga ry’Imana

Mu masengesho yo kukarago ku bicaniro bitandukanye Imana igize Iminsi Itubwira gusengera Inkambi z’impunzi aho ziri hose muri Congo, mu Tanzania, mu Mozambike, muri Zambia, mu Rwanda, muri Uganda no muri Kenya. Impunzi zisengere kandi zisengere imiryango yabo. Hanga ry’Imana mwese aho muri, musengere abasubiye inyuma aho bari hose, musengere na cane cane abana bakiri bato kuko satani ariko arabaronderamwo ibimazi mukubateza indwara zidasobanutse, musengere cane impunzi ziri muri Congo n’aba Kristo baho bose.

Ejo aho bukera mwibuke gushira iyo mitwaro mu masengesho asanzwe ategekanijwe. Ababwiwe na Mpwemu w’Imana gufata amafungo muzokwibuke kubikora nkuko Imana yabibategetse.

Mwiyubare abagenzi babi, ababasukamwo insaku n’ibihuha bakavyita ngo ni amakuru.

Mamare umwanya wanyu mwinshi musoma ijambo ry’Imana kandi musenga kuruta kuja mu maligala kuko aho maligala hava ubuhumbudusengere.

Imana izitirire Ihanga ryayo aho riri hose.