Umuziki w’umudiho wa « Reggae » watejwe imbere n’abacuraranzi barimwo Bob Marley, ugiye gushigwa ku rutonde rw’imitungo ndangamuco y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rikipfuza kuwukingira no kuwuteza imbere. Uwo muzika watanguriye mu gihugu ca Jamaique mu myaka y’i 1960 ku bw’abacuraranzi Toots n’umugwi w’aba Maytals, Peter Tosh na Bob Marley, washizwe kuri urwo rutonde kubera ko ari « itunga ndangamuco ridakogwako ». Unesco ivuga ko umudiho wa Reggae urimwo « ubwenge, politike, inkoramutima, urukundo hamwe n’ukwemera. » Umuvugizi w’igihugu ca Jamaique avuga ko « washitse mu mfuruka zose z’isi. »