Afrika niwo mugabane wa mbere kw’isi ubamwo impanuka z’imiduga

Mu cigwa cakozwe n’ikigo ca ONU citaho amagara y’abantu « Organisation Mondiale pour la Santé » (OMS), umugabane wa Afrika niwo ufise igitigiri kinini c’impanuka z’imodoka.

Ku bitigiri vyasohowe ku mugabane wa Afrika, hari impfu 26.6 ku bantu 100000 – ivyo bitigiri bikaba vyikuvye incuro zitatu ivyatowe i Buraya. 

Muri ico cegeranyo bivugwa ko ibihugu vyinshi vya Afrika na Amerika y’epfo bidafise amategeko menshi asaba kugabanya umurindi.

Ibihugu bitubahiriza amategeko ya ONU ku bijanye n’umutekano w’imiduga u mabarabara biri mw’ibara ritukura kuri iyo karata iri hejuru – nkuko ushobora kubibona ni nk’ibihugu vyose vya Afrika. 

Mu bisabwa hariho ko imiduga igira ibikenewe bituma zitagira amasanganya – nk’igikoresho gisuzuma ingene imodoka iryamye kw’ibarabara (stabilité) n’amafire akomeye. 

Bivugwa ko igitigiri c’abantu bapfa mu masanganya y’ibarabara kiguma ciyongera. 

Botswana, Côte d’Ivoire na Cameroun ni ibihugu aho impfu zitewe n’amasanganya yo mw’ibarabara ziguma ziyongera. 

U Burundi, Misiri, Angola, na Burkina ni ibihugu ivyo bitigiri usanga vyarakorotse. 

Afrika niwo mugabane usanga abagenda n’amaguru hamwe n’abamakinga bagwa muri izo mpanuka. 

Muri Ghana, igice c’abapfuye ni abantu bari ku maguru. 

Muri Kenya na Ethiopia, 37% vy’abicwa n’izo mpanuka ni abari ku maguru.