Congo imenyesha ko abakozi b’amagara y’abantu 12 bamaze guhitanwa na Ebola

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo avuga ko abakozi mu vy’amagara y’abantu bashika 12 bamaze guhitanwa na Ebola. Abo bakozi ni bamwe mu bakozi bashika 44 bamaze kwandura uwo mugera wa Ebola.

Ibi n’ibintu biteye umutima uhagaze abariko baragerageza gutuza iyo ngwara, ubu imaze gukwiragira mu bisagara birenga mirongo ibiri mu buseruko bwa Congo. Kuva iyo ngwara yaduka mu kwezi kw’indwi, abantu 273 ni bizwi ko bamaze guhitanwa n’iyo ngwara .

Mugihe urucanco rushasha rumaze guhabwa abantu barenga 40.000 – rumaze gufasha kurokora abantu nk’uko abategetsi babivuga, abagwanyi bitwaje ibigwanisho bari mu izo ntara zigeramiwe na Ebola za Kivu yo mu buraruko na Ituri baguma ari ikibazo mu kugwanya iyo ngwara.