Nk’uko biri mu cigwa cakozwe n’ikigo ca Amerika kijejwe amagara y’abantu (NIH), ubwonko bw’abana baguma umwanya muremure kuri ‘ekra’ burahinduka.
Mu bigo 21 bagiriramwo ubushakashatsi muri Amerika, NIH yatanguye yihweza ubwonko bw’abana 4.500 bafise hagati y’imyaka 9 na 10 kugira barabe ko ukuraba canke inkino zo kuri video n’umwanya bamara kuri interenete bitagira ingaruka ku kungene bakura.
Ivyigwa vyakozwe hisunzwe amasanamu uraba harimwo ijwi (IRM) vyagaragaje ubwa mbere ko hariho « uturongo tudasa » mu bwonko bw’abana bakoresha amatelefone ngendanwa agezweho (Smartphones) ama tabulete n’inkino za video amasaha arenze indwi ku musi, nk’uko bisigurwa n’uwurongoye abagize ivyo vyigwa Dr Gaya Dowling.