OPP1 Nduwimana Prime yishe umugore wiwe amurashe yahanishijwe igipfungo co guherayo

Mu rubanza rw’ikibiriraho, sentare y’iyungururizo ya Bujumbura mu Burundi yahanishije igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose umupolisi mukuru yahamwe n’icaha co kwica umugore wiwe. Uwo mupolisi wo mu rwego rwo hejuru yahamwe n’icaha co kwica umugore wiwe no gushaka kwica uruyoya rw’amezi umunani yari ahetse.

Nduwimana yishe umugore wiwe Hagabimana Louise ku musi wa kabiri bapfuye umukozi w’umukobwa umugore wiwe atipfuza ko abakorera mu kabare, amukeka ko ari umuhabara wiwe. Mu ntahe yo kuri uyu wa gatanu, Nduwimana yemeye icaha ariko asaba sentare ko yoca inkoni ngufi kugira ashobore kurera abana basizwe n’umupfasoni wiwe.

Ygize ati: « Ndemera icaha ariko nosaba sentare guca inkoni ngufi kugira nshobore gukurikirana abana basigaye. »

Miriyoni 250 z’indishi y’akababaro

Sebukwe Gahungu Aaron bariko baraburana, n’agahinda kenshi, yasavye sentare ko yomugenera ibirezo vy’abana basizwe n’umukobwa wiwe Hagabimana Louise, hamwe n’indishi y’akababaro y’imiliyoni 250.