Prezida Nkurunziza w’Uburundi yandikiye umuhuza w’abarundi Kaguta Yoweri Museveni amusaba gukoranya inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vy’akarere k’ubuseruko bwa Afrika yo gutorera inyishu amatati ari hagati y’igihugu ciwe n’u Rwanda.
Mw’ikete yandikiye prezida Museveni, prezida Nkurunza yagirije u Rwanda ko rutera umudugararo mu Burundi rurenze kw’ibwirizwa rya gatandatu ry’amasezerano ya EAC.
Bimwe muvyo adondagura vyerekana uruhara rw’u Rwanda mu guhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi harimwo, ibitero bibiri vyabitwaje ibigwanisho avuga ko baje bava muri ico gihugu mu kwezi kwa mbere n’ukw’indwi mu 2015.
Hari kandi ngo no guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015. Iryo kete rigira riti: « Twarasavye umugwi ata ho wegamiye woza guhinyuza (Verification Team) ivyo tuvuga uraza mu Burundi, ariko u Rwanda rurawankira guhonyoza ikirenge muri ico gihugu.
« Harabaye ibitero bivuye mu Rwanda i Mugina mu ntara ya Cibitoke, Kabarore mu Kayanza hamwe na Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke.
« Dusaba ishirahamwe ry’akarere ko mu buseruko bwa Afrika kurenza ku ruhu rw’amazi ubuzima bw’abarundi bahagandaguriwe. » Iryo kete rivuga kandi ko hari ivyemeza ko u Rwanda rufasha abagwanya Uburundi haba muri politike, mu gisirikare no muvyo kubaronderera imfashanyo bari kumwe n’igihugu c’Ububiligi.
Ivyo kandi bavuga ko babimenyesheje amashirahamwe atandukanye harimwo ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ko mu buseruko bwa Afrika ( EAC), iryo ibihugu bihurikiye mu karere k’ibiyaga binini (ICGLR), ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (UA) hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Onu.
U Rwanda ngo ruramaze kuvogera ikirere c’Uburundi nk’uko vyemejwe n’umugwi waje kubihinyuza (Joint Extended Verification Mechanism) itariki 16 z’ukwezi kw’umunani mu 2018. Mu gihe cahise, u Rwanda rwahakanye ivyagiriji nka bene ibi.