
Aho hari ku munsi w’Imana ejo hahise mw’ishengero ryitwa ry’Urutare iBuye mu ntara ya Ngozi, aho Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA ariko aravuga ubutumwa bw’umutwe w’amajambo » Uguhishurirwa kw’intumwa Paulo ». Yishimikije igisomwa, yabwiye abari aho aBurundi batazobandanya bababazwa no kudahana ivyaha vyabiziziye. Ati: » Nkuko Uhoraho Imana yatabaye abandi, natwe azodutabara. Kandi harageze yuko abansi bacu bahura n’uburake bw’Imana. »