ZABURI 17:8 Unzigame nk’ibone y’ijisho,Umpishe mu gitutu c’amababa yawe.
Iri sengesho rya Dawidi rirakomeye. Mpamagarira abantu kwama dusenga kuko tudasenga tutoshobora kunesha intambara zo muri iyi si.
Ubusambanyi bwo muri iyi si,ntiwobunesha udasenga,ubusuma,imigambi ya satani ntitwoyirokoka tudasenga. Twisabire kuzigamwa n’Imana. Kuko tudasenze haraho twogera tukananirwa tugatsindwa.
Dusenge: Uhoraho Rukundo turagushimiye ko waduhaye kukumenya,babarira ibicumuro vyacu vyose. Tutabanye nawe twonanirwa,twiyoborere,tugusavye Imitima misha ikworohera kandi ikwumvira kugira ngo dushitse ubugombe bwawe kuko ariwewe twizigiye muri iyi si. Ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen