Washinze amateka yawe kugira ngo tuyitonderane umwete.

ZABURI 119:4-5 Washinze amateka yawe kugira ngo tuyitonderane umwete. Icompa inzira zanje zigashikama kugira ngo nitondere ivyo washinze.

Urugendo ruja mw’ijuru rurimwo intambara:ingorane,ibibazo,ukwankwa,ukuburanirwa n’ibindi vyinshi. Aho nyene satani aba yifuzako duhemukira Yesu yatubambiwe.

Dutegerezwa kubaho twiyeza kandi dushima Imana. Kuko tunyura muri vyinshi. Nivyiza ko dusenga akenshi buri musi,mukwisabira ngw’amaraso ya Yesu adutunganye.

Kugira twitwe abagororotsi n’uko Imana iba itubonako amaraso ya Yesu. Ayo maraso ntiyaviriye impene n’intama n’inka ahubwo yaviriye jewe na wewe kugira ngo twozwe ivyaha uko twisabiye imbabazi. Ntibazoguhende ngo ntibigikenewe ko usaba imbabazi kuko Yesu yapfiriye ivyaha vyose,nkuko bamwe babivuga.

Twihutire kwubaha Imana no kwirindira mu nzira zacu,kuko icaha kimwe conyene kiragutsindisha.

Dusenge: Mwami Mana niwakire icubahiro,wumve ugusenga no gushima kwama,uharire ibicumuro vyose twakoze,amaraso yawe Yesu atugire abatunganijwe. None ngwino wame udushoboza kukwubaha,kandi udutsindire intambara zose ziturwanya. Dusengeye abafunzwe b’inzirakarengane,abahahazwa,impfuvyi,abarwaye ngo ubagirire neza,ubiyereke. Twugaje amasanganya atandukanye. Ni mw’izina rya Yesu Twizeye.

Amen.