Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri Gabon avuga ko abasirikare bacemera reta ya prezida Ali Bongo bashoboye kuburizamwo uko kugerageza gutembagaza ubutegetsi muri ico gihugu.
Guy-Bertrand Mapangou yabwiye BBC ko abasirikare bane bafise uruhara muri uko gushaka gutembagaza ubutegetsi bafashwe, uwundi agira gatanu akaba akironderwa.
Umugwi w’abasirikare mu gihugu ca Gabon wari watangaje ko wakuye ubutegetsi buhari muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero, banatanga n’itegeko ryo kutava mu mazu.
Abasirikare bitwaje ibimodoka bitamenwa n’izindi modoka z’intambara bariko barakizura mu mabarabara y’umugwa mukuru Libreville.
Itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ryavuze ko humvikanye urwamo rw’amasase.
Hatanzwe n’itegeko ryo kutava mu mazu.
Itangazo ry’umugwi w’abasirikare bakiri bato ryaguma rica kw’iradiyo ya reta muri ico gihugu, aho bavuga ko hari amakenga ko prezida Ali Bongo agifise ubushobozi bwo kurongora ico gihugu.
Bigaruriye iyo radiyo nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro zo ngaho muri Gabon.
Abo basirikare bavuze ko bafashe iyo ngingo « kugira bagarukane demokrasi » kandi bamenyesheje ko bashaka gushinga ‘akanama k’igihugu ko guhabuza Gabon’.
Biyamirije ijambo ry’umwaka mushasha ryashikirijwe na Prezida Bongo itariki 31 ukwezi kwa cumi na kabiri, bavuga ko amajambo yiwe atakurikirana neza kandi ko yagoyagoya.
Prezida Bongo ari hanze y’igihugu ciwe haraciye amezi abiri arenga, aho ariko aravurirwa mu gihugu ca Maroc bivuye ku ngwara itamenyekanishijwe, inyuma y’aho agwariye ari mu rugendo muri Arabia Saoudite itariki 24 z’ukwezi kwa cumi, aho yari yagiye mu nama ikomeye y’ubutunzi.
Umuryango wa Bongo ni wo uri ku butegetsi muri ico gihugu haraciye imyaka 51, bakaba bagirizwa ukwikubirako ubutunzi bw’ico gihugu gifise ubukungu bwinshi.
Prezida Bongo yashitse ku butegetsi inyuma y’urupfu rwa se wiwe Omar Bongo mu 2009, yatwaye ico gihugu co muri Afrika y’uburengero imyaka irenga 40.
Yatsinze amatora yo mu 2016, yaranzwe n’imidurumbanyo hamwe no kwagirizanya amanyanga.
Muri ayo matora, Bongo yatsinze n’amajwi 49.8%, uwo bahiganwa Jean Ping na we aronka 48.2%, bakaba batandukanijwe n’amajwi 5.594.
Ping yavuze ko ayo matora yaranzwemwo ubusuma kandi ko « ata n’umwe azi uwatsinze ».
Imbere yo kuja muri politike, Ping yigeze kuba arongoye akanama k’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.