Inama y’igihugu y’abepiskopi « Conférence épiscopale nationale congolaise » (Cenco), yakurikiranye amatora ku ruhande rw’abanyagihugu muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), ivuga ko ubutegetsi bwa Congo bwobibazwa igihe abanyagihugu boba bagumutse bitewe no kutabwigwa ukuri ku watsinze amatora.
Cenco yamenyesheje ku munsi wa kane ko izi uwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri RD Congo, ariko ntiyavuga uwariwe.
Urwo rwego rwa Ekleziya Katolika rwasavye akanama kajejwe amatora mu gihugu « Commission électorale nationale indépendante » (Ceni), gushikiriza ivyavuye mu matora kisunze ukuri gushizwe ahabona n’amajwi abakandida baronse.