
Abantu benshi ntibizera ivyo bumva n’ivyo bo nyene bigisha. Ariko mweho mukomeze kwizera ntimuhungabanywe n’ivyo vy’abigira abigishwa.
MUZOBAMENYERA KUVYAMWA
« Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.
Nuko muzobamenyera ku vyo bama.
Matayo 7:18, 20″.
Turi mugihe abizera bamwe bamwe bari murujijo,bibaza ab’ukuri n’abatarab’ukuri abaribo.
Hanyuma, Yesu yatanze inyishu ati » muzobamenyera kuvyo bama ».Ngo igiti ciza ntigishobora kwama ibibi,n’igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.
Mubisanzwe umuntu wese akiri mumubiri ashobora kwisanga hari aho yakoze ibitari mubugombe bw’Imana,ariko ben’uyo iyo yahisemwo Yesu yigarura vuba,ntabaho ubuzima bw’Ivyaha.
Ariko abandi bo,babaho ubuzima butarimwo ukuri, bagendera muvyaha,nubwo boba bagaragara ko bazi Imana.Ivyamwa vyabo, nivyo bigaragaza abo bari bo.
Hanyuma, iyo igiti ari ciza,biragaragazwa n’ivyamwa.Kitari ciza naho nyene biragaragara.Ikibazo rero si ubwoko bw’ ivyamwa,ahubwo n’ubwoko bw’igiti,kuko nico kigena ubwoko bw’ivyamwa.
Hanyuma,Yesu yatwibiye ibanga ryotuma twama,yavuze ngo uwuguma muri jewe, uwo niwe yama cane, kuko ataco mushobora gukora mutamfise.
Muyindi mvugo,gutera intambwe ukaba mw’ijambo ry’Imana,mugusenga,
kwirinda,…ukiga kurihindura ubuzima, nivyo bizana kwama.
Ico dukwiye gukora,dukwiye gusenga Imana dukobeje,kugira idufashe gushira mungiro ijambo ryayo tuzi,nayo izotera intambwe idushoboze,niyabona koko ko dufise umutima wipfuza kuyubaha. Muhezagirwe.