
Abarundi, hariho ibintu vyinshi turaba tugatwenga, bamwe bakobaza yuko bikorwa n’ubunyentege nke abandi bakibaza yuko ari ibintu bisanzwe cane mugabo ari akaranda gikwiriye gutuzwa mu gihugu.
Kugira ngo urugo rusambuke umukenyezi aje buje haba hariho imvo zihambaye zibitera. Kandi kugira ngo ivyo birinde bishika, iyo uyo muryango ufise abana haba hariho ingaruka mbi cane zizoba kubana bavuka mur’uyo muryango. Bishitse aho umugabo yiyahura yicumise inkota naho ivyo biba vyararenze ihaniro. Uko biri kwose ni ingorane z’umutyango ziba zihambaye.
Mu gihugu c’Uburundi, harakenewe gufatwa ingingo zo gufasha gukingira ingo n’imiryango mu gufasha mu mubano w’abubakanye, gukingira abana no gufasha abantu bose mu kubungabunga amagara yabo yo mu mutwe. Ivyo vyofasha mu kwubaka igihugu gifise intumbero yo kwiteza imbere igihugu cose muri rusangi. Ibihugu vyose bitera imbere kw’isi bibanje kwitaho abenegihugu babo mu ndero, amagara n’ibikorwa.