
« Magara : Uruzi rurabangamiye amazu y’ abanyagihugu »
Amazi y’ uruzi #Ruzibazi arabangamiye amazu yo ku gacimbiri #Mabāho ko ku mutumba #Magara ya kabiri. Ni muri komine Bugarama muri Rumonge Province .
Ayo mazi aguma satira inkombe z’ urwo ruzi zigaca zisiduka. Vyatumye amazu ashika atandatu asenyuka, bene yo barimuka, baja gusembera.
Urwo ruzi rwataye inzira rurageramiye imihana ishika itandatu. Ababa muri ako gace basaba abajejwe gukingira ibidukijije muri iyo komine gufata ico kibazo mu minwe.
Butoyi Berchimas aserukira ikigo #OBPE muri komine #Bugarama aremeza ko ico kibazo akizi. Amenyesha ko hariko harategurwa gutera ibiti vy’ imisuna n’ ibindi bishobora gushigikira inkombe z’ urwo ruzi mu ntumbero yo gukinga.
Ariko, uwo ajejwe gukingira ibidukikije yibutsa ko abanyaguhugu bokwama bibuka ko hari imetero zitubakwamwo ku nkengera z’ inzuzi.