


Abantu benshi baguma bahanahana utureresi tw’amajambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuvyerekeye guhindura ibikaratasi ababitse amafaranga menshi mu mazu yabo. Impande yo gusakaka mu mazu y’abategetsi bamwe bamwe bakoranye cane na Président Nkurunziza ngo barondera gufata ayo mafaranga babitse mu mazu hanyuma iryo saka rikaba rishobora kuba ritatoye ayo mafaranga, Ibanki Nkuru y’igihugu yatangaje yuko ihinduye inoti z’ibihumbi icumi n’izibihumbi bitanu.
Bikaboneka yuko izo ngingo zifatwa ari inyinyurana ry’abafise uburyo bginshi batazwi neza hamwe na leta y’Uburundi. Umuntu arahava akobaza ati ni nde ahungukira ni nde ahahombera. Benshi bavuga yuko ingingo nk’izo abenegihugu batazungukiramwo abandi bati dutegereze turabe iyo bigarukira.