Ubutunzi: Ingingo zerekeye guhindura inoti no kuvunja amagaranga zoba zihungabanya abatari bake

Iyo ni ingingo imwe mu ngingo 6 zihejeje gufatirwa mu nama Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’Uburundi yagiranye n’abasanzwe bafise amazu avunja amafaranga mvamakungu.

Mw’itangazo ryasomwe Moise Nkurunziza asanzwe avugira umushikiranganji wa mbere, mu ngingo yaryo ya 2, amenyesha ko kuva uyu munsi ayo mafaranga atemewe gukoreshwa hano mu gihugu mu kuriha ibidandazwa kuko amafaranga yemewe gukoreshwa ari amarundi gusa.

Iruhande yiyo ngingo hafashwe izindi ngingo zihagarika vyagateganyo impusha zari zaratanzwe kubarungika amafaranga hanze y’igihugu ( Transfer monétaire) hamwe n’uko kizira gutemberana amafaranga mva makungu mu mufuko mu gihe utagira ufate ingendo zo hanze y’igihugu.
Kuri iyo ngingo hakaba hasabwe ko uwo wese yobona uwitwaje ayo mafaranga ko yoca abimenyesha igipolisi kuko basanze ayo mafaranga mvamakungu hari abayakoresha mu bitari vyiza.

Izindi ngingo zafashwe hakaba harimwo izishobora gutuma amazu asanzwe akora ivyo kuvunja amafaranga mvamakungu yugarwa.Aho ni mugihe ngo inzu benizo bizogaragara ko zitakwize amafaranga ibuhumbi 50 vy’idorare mu kiringo c’indwi hamwe no mu gihe bene ayo mazu batoba bashikanye impapuro z’amasezerano yo gukorera hamwe kubasangiye iyo nzu ari benshi mw’ibanki nkuru y’igihugu kuri uyu wa mbere ku mugoroba!

Ayo mazu kandi yasabwe gusubiza vyihuta amafaranga imiliyoni 500 ku ma konti ya BRB bari batanze nk’ingwati igihe basaba kwemererwa gukora kuko atariyo baheza ngo bahindukire gukoresha.