Ingendo iranga umukoresha mwiza

Ibiranga umukoresha

  1. Niwe ashika ubgambere kukazi.
  2. Ataha inyuma y’abandi bose
  3. Ntiyugara bureau ngo agiye kunwa ivyayi
  4. Ntiyugara bureau ngo agiye kurya, canke ngo gutahana abana
  5. Ntasubiza inyuma uwaje amurondera ngo ntakanya afise
  6. Ntiyikorana akazi, ahubgo yigisha abamufasha gukora akazi
  7. Iyo ahanuje umuntu, ntamubgira ko ivyo amubgiye, atarivyo yakira izompanuro mubugwaneza naho zitoba zimunyuze….arajeza agahanuza abandi
  8. Ntafata nkabana abo atwara, cane cane ko haba harimwo abo musubirira, mbere bakamurusha ubutwari
  9. Abakozi batobato, abaha agaciro, akabakundisha akazi, akabakingira, akamenyako baruha, ko basonza, ko nabo bafise imiryango
  10. Ntiyumva amabgire, umuntu avuzwe nabi cane, aramutumko akamwumviriza, harigihe usanga ari ishari
  11. Ntiyumva amabgire, umuntu avuzwe neza cane, aramutumko akamwumviriza, harigihe usanga arikigoryi catanze igiturire ngo bakivugire….parrain abayariye😂
  12. Aronderera ukubahoneza kwabo atwara, nawe akazoronderegwa nabo yagiriye neza.

Utameze uko ubukuru bgawe, ntibuba buva k’Uhoraho