
Kera intara ya Rumonge yari amasumiro mugabo ubu siko bimeze. Ahadandarizwa ifungurwa nk’intete z’ibigori, ibiharage n’umuceri mw’isoko nkuru ya #Rumonge hatera kagaragara. Bamwe mu badandaza basigura ko ari ingaruka y’uko kurangura vyahagaritswe vy’imfatakibanza gushika kuwa 20 Ruheshi 2023.
Muri komine #Makamba bamwe mu badandaza bavuga ko urudandazwa rutariko rugenda neza kuko ata bisohoka n’ivyinjira bihari. Bamenyesha ko vyinshi mu bigori, ibiharage canke umuceri badandaza, bitarimirwa muri komine Makamba. Bongerako ko no mu bahora babagurira harimwo abava mu zindi ntara. Abo badandaza bose basaba iyo ngingo yosuzumwa neza.
Mu makuru yacu aheruka, twarababwiye ko mw’isoko ya #Ngozi na ho nyene, abadandaza ibiharage bugaye. Imvo, ni ukubura aho barangura.