

Umuntu umwe yafatanywe inoti za magendo bita faux billets abandi nabo boriruka mu gisagara ca Bujumbura
Hariko haravurwa inoti z’amafaranga y’amiganano y’inoti nshasha faux billets z’ibihumbi 10.000 frbu mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati
Ahariko havurwa ni nko muri karitiye Mubone hafashwe ibihumbi bigera ku 250.000 frbu y’inoti za cumimi cumi.
Ahandi havurwa ni muri karitiye Mugaruro no mu gisagara ca Rumonge
Umuntu umwe akaba yafashwe ari mu minwe y’inyamiramabi kumvo z’amatohoza mugihe abo birutse bakibandanya kuronderwa
Abanyagihugu bagasabwa kuba maso kuko bivugwa ko haroho imodoka ziriko zirakwiragiza ayo mati ya magendu faux billets
Mu gihe bamwe bakora imirongo mire mire kugira ngo leta itore inoti za kera ikabaha urupapuro ruzotuma bahabga amanoti mashasha, hariho umugwi w’ abasuma bafise ayo manoti mashasha y’amahimbano nabo baguma bayatanga hirya no hino.