
Mu ntara ya Rumonge, umuntu yahisemwo kwimba ibinogo vyo kubumba amatafari mu kibuga c’inkino z’umupira w’amaguru. Ico kibuga kiri kumutumba Murambi wa zone Buruhukiro komine n´intara ya Rumonge.
Kubera ababumba amatafari bakorera muri ico kibuga, hibonekeza ibinogo bitari bike.
Abakoresha ico kibuga na cane cane urwaruka n’ abarongeye imirwi yakinira kuri ico kibua bati » birababaje kubona umukuru w´umutumba atanga ikibuga bahora bakinirako ngo gihinduke uruganda rubumba amatarmfari « .
Kiranzunguye Bernard, umukuru w´ uwo mutumba aremeza ko ariwe yatanze uburenganzira kuri buri wese yipfuza kubumba amatafari, kugira ngo akorere muri ico kibuga. Intumbero ngo n’ukugabanya ivu riri muri ico kibuga kuko ngo abanyagihugu batobishora.Yemezako yabigiye inama n’abandi bafadikanije kurongora uyo mutumba n´abarongoye imirwi ikinira kuri ico Kibuga.
Ariko abo babumba amatafari barimba kuko nta vu riri muri ico kibuga.