
Inkoho cumi n’indwi nizo zatowe kuri uwu wa kabiri mu kinogo c’aho bariko bafyatura amatafari ku musozi Mukubano 1, zone Muyange, komine Nyanza Lac intara ya Makamba. Izo nkoho zari zimaze kwononekara
Amakuru yatanzwe n’umukuru w’umutumba Mukubano ya mbere, akemezwa n’igiporisi, avuga ko izo nkoho 17 zatowe ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Abagabo bariko bimba ikinogo bafyatura amatafari nibo babonye izo nkoho, babona kubimenyesha abajejwe intwaro n’umutekano.
Izo nkoho zigizwe na AK47 pliantes zitatu, Mag zibiri, G3 zitatu, L4 zine, lance mortier60 imwe, UZI imwe, hamwe na caneau ya Fal imwe.