Igituma Umukuru w’igihugu ca Congo D yipfuza yuko Ingabo z’Uburundi zonyene zoguma muri ico gihugu

Général-Major Sibomana Ignace niwe ahagarariye umurwi w’abasirikare ukora isuzuma y’ivyakozwe n’inteko za EAC

Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 4 Mukakaro 2023 niho umurwi w’intwazangabo urongowe na General-Major Ignace Sibomana watangura igikorwa co gusuzuma ko inteko za EAC zaranguye ubutumwa bwo kugarukana umutekano mu buseruko bwa Congo nk’uko bwari bwazihawe n’inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC.

Iyo ntwazangabo isanzwe kandi ari icegera c’umukuru w’ingabo zirwanira ku butaka mu Burundi amenyesha ko ico gikorwa kizorangira ku wa 08 Mukakaro. Avuga kandi ko bazogendera uduce twose turimwo abasirikare ba EAC hamwe n’uduce tukiri mu minwe ya M23.

Ingingo yo gusuzuma ivyakozwe n’igisirikare ca EAC ikaba yafatiwe mu nama igira iya 21 y’abakuru b’ibihugu yabaye ku wa 31 Rusama 2023 yabereye i Bujumbura.

Ni inyuma y’aho umukuru w’igihugu ca Congo arahiye ko ico gisirikare ca EAC kitigeze kirwanya aba M23, ko ariyo mpamvu gitegerezwa kuva ku butaka bwa Congo muri uku kwa gatandatu guheze.

Prezida Tshisekedi akaba yavuga ko n’imiburiburi abasirikare bakwiye gusigara ari abavuye i Burundi gusa. Akaba mbere yaciye asaba inteko zivuye mu muryango SADC ko ari zo zoca ziza gusubirira iza EAC.

Bikaba bitegekanijwe abo basirikare bazova ku butaka bwa Congo mu kwezi kwa Nyakanga 2023 inyuma y’iryo suzuma.
Twobibutsa ko kuva mu kwezi kwa Rusama 2023, abategetsi batandukanye bagumye bavuga ko igisirikare ca EAC ataco kiriko kirafasha, ko kitarwanya abarwanyi ba M23 ko kandi gifitaniye imigenderanire idasanzwe na M23.

Ku wa 13 Rusama 2023, icegera c’umushikiranganji wa mbere ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu akaba yavugiye ku mugaragaro ko izo nteko zananiwe.