Ntimwihende kuvyo mwumva abantu bavuga ngo Yesu canke Iman

Harigihe woba utarubizi
Ushobora kuba wigishijwe nabi

Ariko ico ukwiye kumenya niki:

  1. Imana ninyinshi ariko UMUREMYI ni Umwe, itwa UHORAHO, kugira ntuzoze urihenda, wokoresha ijambo UHORAHO, canke UMUREMYI
  2. Ba Yesu nibenshi cane, ariko bose ntibakiza, hari UMUKIZA umwe, kugira ntusange wambaje uwutariwe, vuga UMUKIZA
  3. Kubijanye nugufashanya, gutabagwa, UMUREMYI yarahaye ivyaremwe ubgenge, ivyaremwe nivyo bifashanya hagati yanyu, mudafashanije izo ningorane zanyu

Mushaka UHORAHO abatabare ivyo atabateje?

  1. Impfuvyi n’abapfakazi biva kuntambara mutera, ukurogana, impanuka muteza, ugusamara kwabaganga….impfuvyi yatewe n’UHORAHO niyihe? Nimubafashe kuko nimwe mutuma babaho.
  2. Abakene bategwa nokwikunda, gusahura RETA, gusahura ivyigihugu, kunyaga, kuzimba,…none ufise impuzu cumi, ugashakako UHORAHO abe ariwe yambika abakene🙊
  3. 95% yingwara ziva mugufungura nabi, izindi ziva kuguhumanya isi, ikirere, n’amazi…none mushaka UHORAHO abakiza ivyo mwitera?

Uruhara rwawe n’uruhe?
Iyumvire ikintu uriko urakora, canke wokora kugira ivyaremwe bibeho neza.

Niwaba uronderera inda yawe, n’abana bawe gusa, utaniyehe n’igikoko?