
BAZOHEZA GUTERA IBITI RYARI ?
Hakoreshwa ayarenga imiriyaridi 30 mugutera ibiti, ubu butumwa mubumpere umwe avugako afasha SE kugwanya ubusuma
- U Burundi bufise uburinganire bungana 27834Km2, dukuremwo ahari : imyonga, amashamba cimeza, inzuzi n’ibiyaga, amabarabara n’indimiro, amazu n’ibihomoka….hoba hasigaye ahangana gute hohera imyaka 20, batera hadahera ?
- Ikiro kimwe c’imbuto z’imikaratusi, kivamwo imivyaro yoshobora gutera ihegitari 140, kandi kiboneka hatanzwe amahera atarenga ibihumbi bitatu, ariko niwagenda muri OBPE kugura izo mbuto, uzokigura ayarenga ibihumbi cumu, kuko utu associations twamura izombuto, nutwabakozi baho, nitwo tubafasha gusahura igihugu.
- Hoba hariho ikomine ifise 140Ha zoguteramwo ibiti, ikabura amafaranga 3000Fbu, yokugura imbuto ? Abenegihugu, bifitiye ubuhinga bgo kuyoreza imiryaro y’ibiti, ubahaye ayo mahigwe yuronka umunyu, boguha umuvyaro kumahera atarenga 100, bakanawuguterera , mbere bakanakubagarira rimwe, ihegitari iba ijako ibiti 1 111, canke 2 500 bivanye n’ubgoko bg’igitara ( boisement)
- Ibihugu biteye imbere muntumbero yokugwanya ingarukambi zivuye kwihindagurika ry’ibihe, biratanga amahera mukigega mpuzamakungu GEF, u Burundi buhabga uko imyaka ine iheze ayashika imiriyoni zitandatu z’amadorari, nihafi imiriyaridi 18Fbu…none ibiti batera biri hehe ?
- Umugambi Ewe Burundi urambaye uronswa 1 500 000 000Fbu buri mwaka, none batera uburinganire bungana gute ?
- Hari amashirahamwe avugako yigenga 20, ahabga amahera na GEF/FEM rimwe rishobora kuronka ayashika 50mille dollar…abo bose bavugako batera ibiti none bitegwa hehe ?
- OBPE ihabga amahera na RETA yogutera ibiti, none babitera hehe ?
- DGEREA ihabga amahera na RETA yogutera ibiti, none babitera hehe ?
- M’ubushikiranganji bujejwe uburimyi, abayobozi bakuru nkabose, mugusigura uko amahera yakoreshejwe, bavugako bateye ibiti, none babitera hehe ?
- Amakomine nkayose, nayonyene mugusigura ico amahera yakoze, avugako atera ibiti
Abo bose bavugako batera ibiti, mubabaze ahaherereye pépinières zabo, muce muraba ko zitari muri rapport ya EWE BURUNDI urambaye, mubabazeko basangiye budget