Ntubabazwe n’abagusuzugura

IMANA IRASHOBORA KUKWUBAHISHA AHO WASUZUGURIWE.

« Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharurika. Kand’ ahantu babgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.
Hoseya 1:10″.

Akeshi aho umuntu yababariye ninaho Imana imwubahisha.
Dusomye ngo kandi aho mwabwiriwe ngo ntimur’abantu banje,niho muzobwirirwa ngo muri abana b’ Imana nzima.

Yosefu yararenganijwe,
ajanwa mumvuto ari muri Egiputa, ariko muri Egiputa nyene niho yashiriwe hejuru aba uwakabiri kuri Farawo.

Dawidi yarahunze ava i bwami kubwo gutinya ko sawuli amwica,ariko aho nyene i bwami niho yubahiwe, aba umwami akomeye mugihe ciwe,Imana imwandikishiriza amateka akivurwa gushika n’ubu.

Moridekayi yasuzugurikiye i bwami,ari umuzamu,ariko igihe kigeze aho i bwami nyene niho yubahiwe,nawe ahinduka uwo gutanga amategeko.

Imana iyo igihe kigeze araguha agaciro kandi uri mubakakwimye.
Mumuryango wirengagirijwemwo,
mukazi,mukibano,
n’ahandi hose ushobora kuba waragiriye ikibazo.

Iki nico ciza co kugendana n’Imana.Iragerageza kuburyo ikumara umubabaro watewe n’ivyagukandamije, kuburyo uhindukira ukavuga ati iyo ataba Imana ntivyari gukunda.

Rero mumibabaro tugenda ducamwo turi kumwe n’ Imana,yo iba izobirangiza neza.
« Aho mwabwiriwe ati ntimur’abantu banje, niho muzobwirirwa ati mur’abana b’ Imana nzima ».Muhezagirwe.