
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KWITANGA KU BARUNDI BOSE BARI MU GIHUGU N’ABARI MU MAHANGA.
Umurundi ahari hose aratumiriw mu amasengesho yo kwiyeza, kwinginga Uhoraho Imana no kuyishima mukwifatanya n’Ihanga Ryera azomara iminsi itanu.
Ayo masengesho yo kwisonzesha tutarya kandi tutanywa kubabishoboye, no kwiyiriza ku bandi; azotangura igenekerezo rya 25 arangire kurya 29 uku kwezi kw’indwi mur’uyu mwaka wi 2023.
Ijambo ry’Imana rivuga riti:
«Abantu bitirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bakanyambaza nzobatege
amatwi mpeze nkize igihugu cabo. » [2 INGOMA 7: 14]
Mur’iyi minsi igihugu cacu cugarijwe n’intwaro mbi isonzwe n’akarenganyo mu bucamanza, ubunyonyezi bg’itunga ry’igihugu, inzara mu gihugu, ibura ry’amafaranga y’agaciro, ibura ry’umuyagankuba, ibura ry’isukari, iburya ry’umwavu ku barimyi, ingorane mu kwivuza, ingorane mu kwiyunguruza, ingorane y’amazi meza, ingorane mu gutumatumanako nibindi bihanze ingo n’imiryango; ni igihe abizera Uhoraho Imana bose bategerezwa guhaguruka bagahagarara mu gihengeri maze bakambaza Uhoraho Imana y’ubushobozi nayo igasambura imigabo n’imihigo y’abanyakibi.
Impade y’ingorane zihanze igihugu, satani yariziziye n’abari mu mashengero yitirirwa izina ry’Imana, ibakoresha ivyaha vy’urukozasoni nabo bata ubuntu maze bibananira guhagararira ukuri no gushigikira igihugu. Ubu ni ca gihe co guhaguruka tugasenga dusanganguza ubushobozi bg’umwijima mu gihugu no mw’ishengero. Ni ca gihe co kubohoza ya masezerano Uhoraho Imana yagabiye igihugu c’Uburundi. Twese duhaguruke turwane tunesha muri iyo minsi 5, turwanire igihugu cacu n’ishengero ry’Imana.
Ijambo ry’Uhoraho ritubarira yuko: «Twahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo n’ubgo kunesha ubushobozi bg’umwansi bgose kandi ntaco bizotugira na gatoya » [LUKA 10:19]
Aya masengesho muyatumiriremwo incuti n’abagenzi, abakuze n’abana, aboroshe n’abahambaye, abaganza n’abaganzwa, abari hafi n’abari kure kugira ngo twese hamwe duhaguruke tubohoze igihugu cacu c’ amasezerano, igihugu gitemba amata n’ubuki.
UMWAMI WACU YESU KRISTO YAMAMARE!
IHANGA RYERA RY’IMANA