
URAHAMAGARIRWA GUSENGA AYA MASENGESHO NTURWE MU MOSHA
“Gusenga ngo ntimurwe mu mosha” ni ijambo Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yabariye abigishwa biwe igihe yariko arasengana umubabaro kuko igihe ciwe co kubabazwa cari cimirije [MATAYO 26:41-42]
Nk’uko mwabibonye, Ijuru ryatumiriye Abarundi bose guca bugufi bakihana kugira ngo basengere igihugu n’ishengero ry’Imana kugira ngo Uhoraho atabare nk’uko yabisezeranye. Hatanzwe urufatiro mu [2 INGOMA 7 :14] na [LUKA 10 :19].
Hariho imirwi y’abanyamadini n’abanyamigenzo batazi yuko Abera b’Imana bama kira mwaka bafata indwi yo kwisonzesha basengera igihugu c’Uburundi n’amasezerano Uhoraho Imana yakivuzeko. Uyu mwaka amasengesho azomara iminsi itanu, kuva kwigenekerezo rya 25 gushika kw’igenekerezo rya 29 uku kwezi. Ntimwoshwe n’abatabitahura kandi bibaza yuko boyatesha abandi. Ntihagire uwugutesha kwifatanya n’Ihanga ryose ry’Uburundi gusengera igihugu cawe.
Muvyo abo bahagarara ku tuntu twabo aho kwifatanya n’Abera bose bitwaza bavuga ngo:
Kwisonzesha iminsi itanu yose ni myinshi. Yesu yisonzesheje iminsi 40 n’amajoro 40 atarya atanywa. [Matayo 4 :1-11] Ugusenga wisonzesheje bibohora benshi kuko vyirukana abadayimoni [Matayo 17 :21] Eka noneho kubera intege nke hariho abasabga kwiyiriza gusa n’abandi bashobora kugira ico barya canke banywa kubera amagara yabo.
Gusengera igihugu ngo ni ivya politike. Abo bari mu migwi yitirirwa izina ry’Imana, bakama bakoresha Bibiliya Yera mugabo ntibazi isezerano riri muri [2 INGOMA 7 :14] Guca bugufi no gusengera igihugu Imana igatabara. Abantu b’Imana nibo bategerezwa guhagarara mu gihengeri c’igihugu.
Kuvuga ukuri ngo ni ukurwanya Reta. Satani yarateye mu mashengero abanyaga ukuri, abasukamwo icoba no kwiyorobeka ngo nikwo gutungana. Abana b’Imana bategerezwa kwemanga yuko icera cera n’icirabura cirabura kuko niho bazokiza ishamvu Imana yabahaye. Ukuri kutavuzwe n’abubaha Imana ntikuzovugwa n’abapagani. Bibiliya iratubgira yuko kumenya ukuri biduha ukwidegemvya [YOHANA 8:32] kandi yuko kubgenge Imana yaduhaye twongerako ukuri. [2PETERO1 :5-8].
Abana n’abadakijijwe ngo ntiboja mu masengesho yo kwitanga. Mu gihe nk’iki ni abo munzu bose mbere n’ibitungano birubahiriza icagezwe c’Uhoraho nk’uko vyagenze i NINIWE [YONA 3:5-9]. Abubaha Imana n’abo mu nzu zabo bategerezwakwubaha Uhoraho [YOSHUWA 24 :15].
Ufise ikibazo twandikire maze twamamaze Umwami Yesu Kristo twese!