
ABIZEYE UHORAHO IMANA BATEGEREZWA GUHAGARARIRA UKURI MU GIHUGU
Nta murundi w’umutima yokwigira sindabibazwa kuvyerekeye igihugu ciwe mu kwinyegeza muvy’Imana. Ijambo ryose rije ribakebura kandi rihamagarira guhinduka, kwezwa no gutungana bama bagerageza kuritoramwo ikosa no kuryankisha abandi.
Nyen’icubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abamufasha, birirwa barasemerera yuko abantu bohindura ingendo, indongozi zitegeka nabi zikikubita agashi, abanyonora itunga ry’igihugu bakabiheba, abacamanza bakihanura, kuko ivyo bibi nivyo bitera ubukene inzara mu gihugu.
Uretse yuko ako kamo karaba cane indongozi z’igihugu, abubaha Imana bategerezwa gufata iyambere kugira ngo impundu n’amerembe bisamirane igihugu no mu mahanga. Ariko siko biri kuko abarongoye amadini n’amashengero benshi aho guhimiriza abantu ngo bahinduke bihane bezwe, basha coba, bagatinya ukuri, indimi zabo zikagoba. Hari n’abinyegeza mu migambge bagafadikanya n’abanyakibi, n’abatware barya ibinure vy’intama mu gushigikira ibiturire, abahohotera abandi n’ayandi mabi. [2Petero 2:17-22]
Twebge nk’abubaha Uhoraho, abizera Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, dutegerezwa kwerekana ubushobozi bg’amasengesho. Dutegerezwa kuba imboneza zitwara urumuri rw’ukuri, amahoro n’iterambere mu gihugu. Umwami Yesu yadutumye kuba umunyu w’isi n’urumuri rw’abantu. [Matayo 5:13-16]
Iyo Ihanga Ryera rihamagariye abantu bose gusengera igihugu twicishije bugufi mu kwiyeza n’ukwisonzesha, amasinzi y’Abarundi bari mu gihugu n’abari mu mahanga barayitabira, harimwo abaganza igihugu n’abajejwe umutekano kandi abantu benshi barahabohokera bagatabarwa. Hari abakira ivyaha, abakira ngwara z’umubiri n’abo Uhoraho akiza ivyago bitandukanye.
Ariko rero bigatangaza kubona imparurwa zifise imigenzo y’amadini ziterekwa ayo amasengesho ategurwa n’Abera. Abarongoye utwo tugwi bohejwe na Satani, bagerageza gutesha abizera kuja mur’ayo masengesho. Babesha ngo (1) Ntituzi icicaro c’abateguye ayo masengesho, (2) Abo bayateguye nta kintu baduha, (3) Abo basenga batyoza leta, (4) N’ukugwanya Leta (5) Mube musengana ubgenge, (6) n’utundi tujambo tw’urucantege twotirimutsa abatazi ibanga ryo gusengera igihugu n’amasezerano yaco. [Abigalatiya 4:16]
Mu gihugu cacu hari amadini n’amashengero ashika 850 ariko uko agwira niko n’ivyaha bigwira bikazana umuvumo ku gihugu. Ni murengere ayo mabohero yo mu mpwemu, mube abidegemvya muri Kristo Yesu kugira ngo muhagararire ukuri mubone gusengera igihugu n’ico Uhoraho Imana yakivuzeko. [Abaroma 8:7-21]