Uhamagariwe kwifatanya n’Abera bose amasengesho y’isi yose yo gusengera amasezerano y’igihugu c’Uburundi

Turi kw’igenekerezo rya 24 ukwezi kw’indwi umwaka wi 2023. Abizera Imana b’Abarundi aho bari mu gihugu cacu c’Uburundi no kw’isi yose, aho bukera batangura amasengesho yo kwisonzesha batarya kandi ataco banywa; azomara iminsi itanu kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika kw’igenekerezo rya 29 uku kwezi. Ingo wifatanye n’Ihanga Ryera ry’Imana.

Uwudashoboye kwisonzesha iyo minsi itanu azohora yiyiriza inzara. Uwufashoboye kwiyiriza azohora agira ico anywa ku mutaga afungura mw’ijoro. Uwufashoboye Ivyo vyose azokora amasengesho mugabo afungura. Ntihagire uzogira urwitwazo rwo kudafatanya n’abandi mur’ayo masengesho yo kwitanga.

Abitavye ayo masengesho bose bazotangura kwihana n’ukwiyeza hanyuma umunsi ugira kabiri kuzoba ari ugusengera igihugu n’amasezerano Imana yagihaye, umunsi ugira gatatu tuzosengera imitwaro y’abantu itandukanye, umunsi ugira kane ube uwo gusengera Ishengero ry’Imana mu Burundi hanyuma umunsi wa nyuma w’ayo masengesho ube uwo gushima Uhoraho Imana, twigina intsinzi. Mwese musidukane n’iyonka tuzokwamamaze Umwami Yesu Kristo. Amen!