
IHANGA RYERA RYEGERA IMANA YERA
N’iteka rihambaye kubona twiswe n’Uhoraho abantu bayo, abatoranijwe, Ihanga Ryera kandi tukaba twahawe amasezerano. [Kuvayo 19 :10-11]
I. Kwegera Imana bisaba kuba waratoranije ugashirwa ukwa wenyene.
Imana yabariye Mose ati genda ku bantu ubabarire biyeze uyu munsi n’ejo, bamesure impuzu zabo, umunsi ugira gatatu ushike biteguye. Kwitegura kubonana n’Uhoraho kugira ngo ugire ico umubariye utegerezwa kubanza kuba wihanye ivyaha, wejejwe mu mutima kandi no ku mubiri, ku mpuzu usa neza nk’uwurengutse i butware. Mu yandi majambo ni ukuba utunganye gose mu mutima, atajwi rikwagiriza ikibi wirengagije. Utegerezwa kuba uri agahore, uri ukwa wenyene, ata gasembga n’amarabaga. Ukwiyeza ni ugukura ibirohe mu mutima wawe ukabaho atacaha na kimwe cinyegeje muri wewe. Abantu benshi basengana ivyaha bakahakura imivumo n’urupfu.
Imana ibariye abantu bayo ngo biyeze mu mitima bateko bamesure n’impuzu zabo bisigura yuko abantu biyeza mu mpwemu bagatako bakiyuhagira no mu mubiri ubuhumane bgose. Uwuriko arihumanura yigirwa kure ibintu vyose abantu bavuga, ivyo bumviriza, ivyo baraba, ivyo basoma eka n’ivyo bashobora kuba bambara vyobahumanya. Ugomba kuba mu bgiza bg’Imana utegerezwa kweza mu mubiri no mu Mpwemu ukaba uwera koko.
Muri [Yakobo 4:8-10] hatubarira ibintu 4 dutegerezwa gukora kugira ngo twitegurire kuba hafi y’Imana. (1) Gukaraba neza binasigura kudasubira gukora ivyaha, (2) Kwuhagira umutima wawe binasigura guhindura ingendo zawe n’ingene wiyumvira, (3) Kubabazwa n’ivyaha wakoze ukamenya yuko icaha ari naco catumye umukiza ababazwa, (4) Kwicisha bugufi kugira ngo tube nk’uko Imana ishaka.
II. Kwegera Imana bisaba kuyitinya, kuyubaha no kuyikunda.
[Kuvayo 19:12], Imana isaba abantu bayo kutarenga akarimbi bashingiwe impande zose kuko no gukora ku musozi Imana ihagazeko arapfa. Abantu bategerezwa kumenya yuko Imana itandukanye n’abantu kandi yuko kugira ngo uyegere utegerezwa kubikora nk’uko ijambo ryayo ribivuga. Nta kubifata ibisanzwe. Kubera amashengero yafashe ivy’Imana nk’ibihunda hadutse akaga.
III. Kwegera Imana bisaba ukwirimbura ukiyumvira utuje.
Uca umenyako ata yindi nzira woshikira Uhoraho udaciye muri Yesu Kristo kuko niwe nzira n’ukuri n’ubugingo [Yohana 14:6]. Niwe muhuza w’Imana n’abantu [1Timoteyo2:5] Mu maraso yiwe niyo twerezwa ivyaha vyacu [Abaheburayo 10:10]. Umwami Yesu Kristo Yamamare hose!