Ivyaha 50 bikorerwa mu Burundi.

IVYAHA 50 BIKORERWA MU GIHUGU C’UBURUNDI ABARUNDI BAKWIRIYE KWIHANA.
Muri Bibiliya Yera tuhasanga ivyaha bishika 667 abantu turi mw’isi dukora. Burya ihanga ryose rifise ivyaha risangiye n’ayandi mahanga n’ivyaha ryiharije. Ugomba gusengera igihugu c’Uburundi hari ivyaha bidasanzwe utegerezwa kudomako urutoke. Imbere yuko tuvyerekana tubanze inzira 5 zokwirinda icaha.
INZIRA 5 ZO KWIRINDA GUKORA ICAHA
Kuba umu-Kristo, bisigura kwama duhunga icaha. Ariko nti bibuza yuko tuba abanyantegenke mu bihe bimwe bimwe. Kugira ngo twame tunesha, dutegerezwa kwama twumvira Mpwemu Yera kuko niwe wenyene adushitsa ku kugorororka kwose. [Yohana 16 :13] Kugira ngo wirinde icaha, hariho ibintu 5 ukwiriye kumenya:

  1. Kumenya icaha icarico : Tuba dukoze icaha iyo dukokoze ikintu kitari ico kugororoka. Iyo tugararije Uhoraho Imana mu kutumvira ibgirizwa Mpwemu Yera yadutegetse canke kunyuranya n’ivyo Bibiliya itwigisha gukora. Umuntu wese yosenga kugira ngo Uhoraho Imana amumenyeshe ivyaha vyiwe n’ivyo abandi kuko ukudakora ikintu ciza cose mwamenyeshejwe ni ugukora icaha. [ Yakobo 4:17, Abaroma 6:23, 1 Yohana 3:4] Kandi ivyaha bizanira akaga igihugu cose.
  2. Kwama wibanda kw’Ijambo ry’Imana : Umwanditsi w’izaburi yagize ati:” Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako” [Zaburi 119:11] Kwama usoma ijambo ry’Imana, kurifata ku mutwe no kuryuzanga bizogufasha kurigumiza mu mutima no mu bgenge. Bizogufasha kutaguma muvy’isi bigutirimutsa bikakugerageza. Abarundi dukwiriye kwirinda cane.
  3. Guhunga icaha ni uburyo bgo kucirinda : Ugahunga icaha, ugahunga n’ikibanza gishobora kugukwegera mu vyaha canke abantu babigukwegeramwo. Umuvukanyi wo mu mubiri wa Yesu Kristo yarateye intege abizera ati: “Mugamburukire Imana, murwanye wa murwanizi nawe azobahunga” [Yakobo 4:7] Wame uzirikana y’uko Yesu ashobora ku kurinda icaha mu kugucira icanzo. “…Ntizobakundira yuko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora kwihanganira, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira” [1 Abikorinto 10 :13]
  4. Kugira umugenzi w’umunyamasegesho : Iyo wasenze ngo ntugwe mu mosha, urashobora gusanga inyishu y’Imana iciye mu wundi muntu. Umugenzi ashobora kugufasha kunesha. Bibiliya iratubarira yuko”Nkuko ivyuma bikarishanya ariko n’umuntu akarisha (aremesha) mugenziwe” [Imigani 27 :17] Hariho abantu usanga baraciye muri vyinshi, barakomejwe kandi barateye intambge nini mu
    Page1
    http://www.abisezerano.com ihangaryimana@gmail.com Tel : 257 71755109 na 65 252433 IHANGA RYERA RY’IMANA gakiza. Abo rero baradufasha muri vyinshi. Ni ukwama rero dusenga kandi dusengeranira kugira ngo ntiturwe mu bigeragezo [Matayo 26 :41, Mariko 14 :38]
  5. Ukwihana icaha : Imana irazi y’uko twihenda, dutsitara tugashaya naho twama tugerageza uko dushoboye kwose ngo tugororoke. Kwihana icaha cose n’umubabaro mwinshi wo kubona twacumuye, bituma twongerwa ububasha n’inkomezi zo kunesha icaha. Ni ukumenya yuko Uhoraho ari umunyembabazi akunda umunyavyaha mugabo akanka icaha. “Umwami Imana yacu niwe afise imbabazi no guharira ivyaha naho twamugararije” [Daniel 9 :9] kandi ni ukwama tuzirikana yuko dufise isezerano ry’uko twihanye tugahindukirira Uhoraho Imana, ivyaha vyacu vyose bihanagurwa. [Ivyakozwenintumwa 3 :19].
    IGITUMA DUSENGERA IGIHUGU CACU C’UBURUNDI
    Mu Barundi hari ivyaha dukora n’ibigairankana kandi tukihumuriza ngo twashize Imana imbere naho shwi. Kubera igihugu cacu gifise isezerano ry’ijuru Uhoraho Imana aragipfuhira kandi vuba azohora Abarundi kutumvira. Ivyaha bikuru bikuru abasengera igihugu bakwiriye kudomako ngo birandurwane n’imizi mu mitima y’Abarundi umujinya w’inkota utaraza gukubita abungere kugira ngo intama zisanzare. [Zekariya 13 :7-9] ni ibi:
  6. Ugusengaibishushanyo 2. Ukuraguza
  7. Ukuroga
  8. Ugukoreshaibiheko
  9. Ugusengaumuntu
  10. Ukwicaabantu
  11. Ugukororainda,
  12. Ugutangaishano
  13. Ugutangaabandikw’ibitambo 10.Ugukorana n’ikuzimu
    11.Ugusambana no kwisambanya 12.Ugushurashuza abana bato 13.Ugushurashuza ibitungano 14.Ugushurashura kw’abasangiye ibitsina 15.Ugushurashura kw’abafise ico bapfana 16.Ukwiba abandi
    17.Ukwiba itunga ry’igihugu 18.Ukugunga umuntu 19.Ugutwara ibitari rwawe 20.Ukwonona ibintu vya leta
    21.Ukwonona ibintu vy’abandi
    Page2
    http://www.abisezerano.com ihangaryimana@gmail.com Tel : 257 71755109 na 65 252433 IHANGA RYERA RY’IMANA 22.Amacakubiri y’amoko n’intara
    23.Ukugirira urwanko n’ishari n’inzigo abandi 24.Ukubesha ukavuga ibinyoma
    25.ukabeshera n’abandi
    26.Ukwishima n’ukwibona ko usumba abandi 27.Ukugurisha umubiri wawe mu busambanyi 28.Ukwipfuriza abandi ibibi
    29.Ukwipfuza ibintu vy’Abandi
    30.Ukunywa urumogi n’ibindi biyovyabgenge
  14. Ukudasonera abavyeyi no kubashira isoni 32.Ukutizera Uhoraho Imana yuko ashoboye
    33.Kuvuga amajambo yo kwambika iceyi n’urubga 34.Ukurya canke ukunywa ukadandahirwa 35.Gukoresha abantu ntubahembe
    36.Gukoresha abantu ukabahemba intica ntikize 37.Ukwima akazi abantu ngo babeho nabi
    38.Kurya canke gutanga igiturire
    39.Kurenganya abandi no kugoreka imanza 40.Ugutwaza abandi amanyama n’amashavu 41.Ugukina n’ukuraba amareresi y’ibiterasoni
    42.Kugira uburyarya, ukwiyorobeka n’uburiganya. 43.Kugurisha abana n’abenegihugu mu mahanga 44.Gukura abana mu mashure,
    45.Gukoresha abana bakiri bato ibikorwa bigoye 46.Kutitaho abana mu buto bgabo
    47.Guturubika no gukubita abana
    48.Guturubika no gukubira abagore
    49.Ukwiganza no gusuzuguza abagabo
    50.Kugira ubugambanyi, akadenderezo n’irementanya.
    Mu gusengera igihugu tugira tuti: “Uhoraho Imana yacu, ivyo wadutumye kwihana, ukwezwa no gusemerera twarabikoze, ubu rero tugusaba ngo ubugombe bgawe ni bube ku gihugu cacu c’Uburundi nk’uko buba mw’isi no mw’ijuru” [Matayo 6:10]
    Umwami wacu Yesu Kristo yamamare!