
AMASEZERANO IMANA YAHAYE IGIHUGU C’UBURUNDI
Abarundi ni Ihanga Ryera ryatoranijwe n’Uhoraho Imana rihabga isezerano ry’intahava. Aya masezerano y’Uburundi yanditse muri Bibiliya Yera nk’uko umuhanuzi Yesaya yabihishuriwe muri [YESAYA 19:18-25] mu mwaka wa 700 imbere y’uko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo avuka. Ubundi buvugishwa n’ubuhanuzi bwa mbere ku gihugu c’Uburundi bgavuzwe mu mwaka wa 1935, umwaka amashengero ya pentekoti yatanguzwa mu Burundi n’abakozi b’Imana bari baje bava mu gihugu ca Suwedi. Ico gihe niho umuvugabitumwa URI yavuze yuko Abarundi ari ihanga ryatoranijwe n’Imana. Ubundi buvugishwa bgasaba Abarundi kwisonzesha, kwiyeza no gusenga cane kuko ari Ihanga ryatoranijwe, bgavuzwe muri Myandagaro mu 1968 mu gikorane c’Amashengero ya Pentekoti cari cabereye i Mugara. Inyuma yaho hari n’abandi bavugishwa baturuka muri Tanzaniya, Congo, Isirayeli, Ubudagi, Ububiligi Amerika n’ahandi bavyeretswe.
Ubgacu Uhoraho yaduhishuriye vyinshi ku masezerano n’ibitabo biruzura kandi n’uyu munsi iyo dukoranye Mpwemu w’Imana arururuka akavugana natwe akabitwemeza. Imana idusaba kwihana ivyaha vyose, ukugororoka n’ukwezwa kuko igira ishitse ayo masezerano. Ibikurubikuru biri mw’isezerano Uhoraho yahaye Ihanga ry’Abarundi ni ibi:
- Uhoraho Imana agiye kuza kuba mu gihugu atari mw’isandugu y’isezerano nk’uko abakera babikora mugabo ububasha n’ubuntu bgiwe bigiye kwuzura igihugu cose c’Uburundi.
- Uhoraho Imana yitoranije isirayeli, niwe yitoranirije Ihanga ry’Uburundi ngo Abarundi bamubere Ihanga Ryera, ishamvu yiwe rizotwara umuvyuro n’ikanguro.
- Uhoraho Imana y’Ubushobozi agiye gutobora iriba ry’Agakiza, Ivugururwa, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazorinywako basubire gutahura ukundi gushasha umugambi Imana yo mw’ijuru ifitiye abo yaremye.
- Uhoraho Imana yirobanuriye mw’Ihanga ry’Abarundi uwuzorongora Uburundi bw’isezerano. Uwo niwe azotunganiriza Abarundi bose mu bugwaneza.
- Imigambge, amadaini n’amoko nti bizosubira kubera intambamyi igihugu c’Uburundi. Intwaro izoba ari icirore c’inganji y’Abera irongowe na Kristo Yesu.
- Imbibe z’igihugu c’Uburundi bg’Isezerano zizokwaguka kubera agakiza, urukundo, ikanguro, mu ntwaro, ubutunzi, iterambere n’ubugwaneza.
- Ubutaka bw’Uburundi bugiye kuvumurwa, isi ndimwa yimbuke, ibitoro, ubutare n’ubundi butunzi bifuruke bibe ivy’Abarundi bose kandi banezerererwa.
- Uhoraho Imana Isumba Vyose yasutse Mpwemu y’ubwenge, ubumenyi n’ibitanganza mw’Ihanga ry’Abarundi.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere, ifaranga rigire agaciro, impunzi zose zitahe, habe abapfunzwe bake cane, Abarundi babeho mu mahoro y’umusesekara gushika naho n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera I Burundi.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere habe amashure y’ubumenyi n’ubushakashatsi vya mbere kw’isi, habe ubuvuzi, ubuhinga butari bgaboneke.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere kw’isi habe amabarabara ya kijambere, amagorofa maremare, amagari yo kundarayi, indege nyinshi mu kirere, inzira zo mumazi n’ibigendajuru.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere mu buhinga bga gisirikare, ubuhinga bg’umutekano w’abenegihugu no kumenya amakuru anyegejwe.
- Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bigiye kuzimangana mu Barundi.
- Ikirundi kigiye kuba ururimi rufise agaciro gakomeye n’abanyamahanga bagiye kwiga kukivuga.
- Uhoraho araje gushira kw’iherezo ibihe bigoye Abarundi baciyemwo vy’ubwicanyi, itotezwa, ukwangara, uguhunga, inzara, ubukene n’ukwagirizanya. Azokoresha umukubuzo n’inkota ya BARUBURAKIGONGWE.
Ng’ivyo ibikurubikuru twashize ahabona, bamwe baca batangura kumiramitwa. Hari abagerageje kwiyimika n’abagerageje kwiyitirira ayo masezerano bibagira yuko Imana ikorana n’ababitoranirijwe kandi bateramira ico yavuganye nabo mu kwihana no kwiyeza kandi bagasenga bakobeje kugira ngo satani ntabanyage intsinzi Uhoraho Imana yabarondereye mw’izina rya Yesu Kristo. [2Abikorinto 1:20]
Ivyo vyiza biri mu masezerano Uhoraho yahaye Ihanga ry’Abarundi twabikuye mu bitabo vy’Ihanga Ryera ry’Imana vyanditswe ngo bishingure amabanga menshi Imana yahaye igihugu c’Uburundi. Ivyo ni bike muri vyinshi. Uburundi bugiye kuba igihugu c’amata n’ubuki, igihugu c’uburuhukiro ku Barundi n’abanyamahanga kuko Abarundi aribo bagire batware umuvyuro n’ikanguro kw’isi, wo gutegura umugeni Kristo Yesu azogaruka gutora. [Matayo 24:14]
Umwami Yesu Kristo Yamamare!