Ivyaha 70 Uhoraho Imana yagiriza Ishengero ry’i Burundi.

IVYAHA 70 BIKORWA N’ABANYESHENGERO B’I BURUNDI
Abanyamadini n’amashengero bafashe ishusho y’isi bayinjiza mw’ishengero ry’Imana. Ivyo abapagani bakora mw’isi ni navyo usanga mu mashengero. Abungere bataye intumbero y’ishengero yo kuyoborera intama gukorera ijuru no kubaho neza mu gihe bakiri hano kw’isi, bahinduka abikorera utwabo maze amashengero aba nk’ivyibare vyabo vyo kurondera ubuzima n’ivyubahiro. Abakozi b’Imana benshi binjiranwe n’ubugunge n’uburyarya batangura kubesha abantu gushika naho babeshera Imana. Ishengero rimaze kubona ubuhemu n’intege nke z’abakozi b’Imana, naryo ryataye ivyizerwa maze ntiryaba rigitinya Imana. Bose bahavuye bakoresha ubgenge na kamere kabo bigiza kure Mpwemu w’Imana baba bacitse abahinga mu gukora no mu kunyegeza ivyaha.
Mu gihugu cacu c’Uburundi twabonye yuko hari ivya vyaha 50 bikorwa n’abarundi ni navyo usanga mw’ishengero. Ikibabaje kandi giteye intuntu n’uko Uhoraho Imana yagiriza abanyamadini n’amashengero ivyaha 70 kandi yuko ari naco kimumanukanye kuza gukubura no kurandura. Abitwa ngo bashize Imana imbere nibo bakweze uburake bg’Imana Isumba vyose ku gihugu, abitwa ngo bakorera Imana nabo nibo aho kubera umugisha igihugu bakizaniye umuvumo. Harageze yuko Ishengero ry’Imana ryisubiza agateka.
IVYAHA 70 BIKORWA N’ISHENGERO RY’I BURUNDI
1.Ubusambayi—Matayo 5:27-28, 32; 19:9, 18; Mariko 10:11-12; Luka 16:18; Abaheburayo 13:4; 1 Abikorinto 6:9-10; Mariko 7:21; Yohana 8:1-11 No Kurenga ibigo—1 Corinthians 5:10; 6:10
2.Ishavu no gushangashirwa—Abigalatiya 5:20; Abanyefeso 4:26, 31; 6:4; Abikolosayi 3:8; Yakobo 1:19-20, Matayo 5:22 73. (Ugushangashirwa)— Abanyefeso 4:31; Abikolosayo 3:8; 1 Timoteyo 2:8
3.Kuvugana Ubgibone n’umururazi —2 Timoteyo 3:2; 2 Abikorinto12:20; 2 Timoteyo 3:2; 1 Abikorinto 5:2; 8:1; 13:4 (Umururazi)—Abanyefeso 4:31; Abaheburayo 12:15; Abaroma 2:24; 3:14; Ivyakozwe n’Intumwa 8:23; Yakobo 2:7

  1. Kurogota kuri Mpwemu Yera—Matayo 12:32; Luka 12:10
  2. Gukora ikizira ku Mana—Mariko 8:38; Ivyakozwe n’Intumwa 18:6
  3. Ukwishira hejuru n’ukwigira ikibirengeye—Abaroma 1:30; 2 Timoteyo 3:2; Abigalatiya 5:26
  4. Guhuruduka—2 Timoteyo 3:3
  5. Gutwarana mu masentare—1 Abikorinto 6:1-7
  6. Kutabumbga, kudahodoka no kugira amarara—Abaroma 13:13; Abigalatiya 5:21; 1 Petero 4:3
  7. Gukoma induru batungana intoke, bagirizanya ubibi—Abanyefeso 4:31
  8. Ukwidodomba—Abanyefeso 4:31; Abikolosayi 3:13; 1 Petero 4:9; Yakobo 5:9
  9. Ukwigira kabizi, kamenyi, umuhinga n’ugushobora vyose —2 Timoteyo 3:4, Imigano 26:5.
  10. Ukwipfuza mu mutima ivyabandi, guhahamira n’umunoho, —Mariko 7:22; Abanyefeso 5:5; Ivyakozwe n’Intumwa 20:33; Abaroma 13:9, Abigalatiya 5:26; Tito 3:3
  11. Ubujora—Ivyahishuriwe yohana 21:8
  12. Kuyovya abandi —Mariko7:22; Ivyakozwe n’intumwa 13:10; Abaroma 1:29; 1 Petero 3:10, Zaburi 10 :7
  13. Ibiturire n’ubube gito bgo kunyonora—1 Abikorinto 6:7
  14. Kwihakana Yesu Kristo mu bikorwa—Matayo 10:33; Luka 12:9; 1 Yohana 2:22- 23
  15. Kurondera gushimwa n’abantu—Yohana 12:43
  16. Kutubaha abavyeyi—Abaroma 1:30; 2 Timoteyo 3:2; Tito 3:3
  17. Kuzana ibice—1 Abikorinto 1:10
  18. Ukwahukana—Matayo 5:32; 19:9; Mariko 10:11-12; Luka 16:18
  19. Kuborerwa no kudandahirwa—1 Petero 4:3 —Abaroma13:13; 15: 13; Abanyefeso 5:18; 1 Abikorinto 5:11; 6:10; Abikolosayi 3:13; 1 Petero 4:3
  20. Gukora isangira ryera mu buryo butabereye—1 Abikorinto11:27
  21. Ukwigira umugore kandi uri umugabo canke igihushane—1 Abikorinto 6:9 25. Inzankano—Abigalatiya 5:20
  22. Ivyiyumviro n’imigabo mibi—Mariko 7:21; Matayo 15:19
  23. Gusura ibinyoma—Matatayo 15:19
  24. Abavyeyi batera abana uburakari—Abikolosayi 3:21
  25. Gutinya no gusha coba aho kuba umunyakuri—Matayo 10:26, 28
  26. Ukwononekara ingeso n’ububisha—Abanyefeso 4:3, 2 Abikorinto 7:1
  27. Ubujuju n’ubusazi—Mariko 7:22; Tito3:3 no Kuvuga ivy’ubujuju n’ubusazi— Abanyefeso 5:4
  28. Ubusambayi bg’ishano n’ukwisambanya—Mariko 7:21; Matayo 15:19; 1 Abikorinto 6:9; Abigalatiya 5:19
  29. Kuba inkunzi y’ibintu—Abanyefeso 4:19; 5:3; 2 Petero 2:14
  30. Ukwipfuza mu nzira bushakanyi—1 Petero 4:3; Tito 3:3, —Matthew 5:27-28; 1 Peter 4:3; Matthew 18:9.
  31. Kwanka Imana—Abaroma 1:30 36.Urwanko kubantu—2 Timoteyo 3:3; Tito 3:3
  32. Gusambana abasangiye igitsina canke n’ibikoko—1 Abikorinto 6:9; 1 Timoteyo 1:10; Abaroma1:26-27
  33. Ukwiyorobeka n’uburyarya—Matayo 23:13,23, 25; 23, 27,28, 29; Mariko 12:15; Luka 12:1; Abaroma 12:9
  34. Ugusenga ibigirwamana—1 Abikorinto 6:9; Abigalatiya 5:20; Ivyahishuriwe Yohana 21:8; Abanyefeso 5:5
  35. Kugira ivy’isoni nke—Abigalatiya 5:19; Ivyahishuriwe Yohana 21:8; Abanyefeso5:3
  36. Ubuhumane—Abigalatiya 5:19; Abanyefeso5: 3, 5
  37. Ishari n’igono—Abigalatiya 5:20; 1 Abikorinto3:3; 2 Abikorinto 12:20; Yakobo 3:16
  38. Guhindukiza ivyanditswe ukagiha iyindi nsiguro—Abanyefeso 5:4
  39. Guciranira imanza—Matayo7:1-5; Romans 2:1; 14:13; Luke 6:37 Yakobo 4:11
  40. Kudakora iciza kandi ukizi— Yakobo 4:17
  41. Kurundanya ubutunzi mw’isi—Matayo 6:19-21; 19:21; 1 Timoteyo 6:9-10; Luka 12:21, 33; 18:22
  42. Kubaho wama winezereza —2 Timoteyo 3:4
  43. Ukwikunda gusa udakunda abandi—2 Timoteyo 3:2
  44. Gukunda abantu kurusha uko ukunda Yesu Kristo—Matayo 10:37; Luka 14:2
  45. Ukubesha muvyo uvuga urenza urugero—ivyahishuriwe Yohana 21:8, 27; 22:15; Abanyefeso 4:25; Abaroma 9:1; 2 Abikorinto11:31; Abigalatiya1:20; 2 Timoteyo 2:7
  46. Uburiganya n’uburyarya —Abaroma1:29; Abanyefeso 4:31; Abikolosayi 3:8; Tito 3:3; 2 Petero 2:1
  47. Abagabo bavuga ubutumwa, basenga canke bavugishwa bitwikiriye—1 Abikorinto 11:4-16
  48. Ukwicana —Ivyahishuriwe Yohana 21:8; Mariko 7:21; 5:21; 10: 19; 19:18; Luka 18:20; Abaroma 1:29; 1 Petero 3:15; 4:15; Matayo 15:19
  49. Kuvuga ubgongoshwa n’ukwidodomba—Abikolosayi 3:13; 1 Petero 4:9; Yohana 5:9
  50. Ubgibone n’ubgishime—Mariko 7:22; 1 Petero 5:5, 6; Yakobo 4:6; Matayo 23:12; Luka 14:11; 18;14
  51. Kuvuga ibitutsi n’imikomo ku bandi n’ukwagirizanya—1 Abikorinto 6:10; 5:11; 2 Timoteyo 3:2; 1 Petero 2:23; 1 Abikorinto 4:17
  52. Kutigerera, kutigumya no kutihangana—Abigalatiye 5:19; Mariko 7:22; Abaroma 13:13; 2 abikorinto 12:21; 1 Petero 4:3; Abayefeso 4:19; 2 Petero 2:2
  53. Ukwararaza uvuga abandi nabi —Matayo 15:19; Mariko 7:22; Abanyefeso 4:31; Abikolosayi 3:8; 2 Petero 2:1; 1 Abikorinto 4:13; Abaroma 1:30
  54. Uburozi, gutwara abantu I kuzimu, no gukoresha ubushobozi bga satani— Abigalatiya 5:20; Ivyahishuriwe Yohana 21:8, 15; 9:21; 18:23
  55. Ukwiba mu kugira amanyanga n’amayeri—Abanyefeso 4:28; 13:9; Matayo 19:18; Mariko 10:19; Luka 18:20; (Amanyanga) 2:21; 13:9 Ukwiba—1 Abikorinto 6:10; Mariko 7:21; Yakobo 10:1, 8; 1 Petero 4:15; Matayo 15:19
  56. Kugira inzika n’inzikira no kutumvikana:—Abigalatiya 5:20; Abaroma 1:29; 13:13; 1 Abikorinto 3:3; 2 Abikorinto 12:20; 1 Timoteyo 6:4 Imitongano—Yakobo 4:1-2; 1 Abikorinto 1:11; 2 Timoteyo 2:23
  57. Kurahira—Matayo 6:34-37; Yakobo 5:12
  58. Kunobera, gusondora no kubesha mu mpisho—2 Timoteyo 3:4
  59. Kutizera no kutizigira Imana—Yakobo 1:6; Mariko 9:24; Abaheburayo 3:12, 19; 1 Timoteyo 5:8; 2 Abikorinto 6:14-15; 7:13; 2 Abikorinto 4:4; Tito 1:15; Ivyahishuriwe Yohana 21:
  60. Kutagira Imbabazi—Matayo 6:14-15; Mariko 11:25-26
  61. Kutaba mu Mana neza—Abaroma 1:18; 4:5; 5:6; 1 Timoteyo 1:9; 2 Timoteyo 2:16; Tito 2:12; 2 Petero 2:5, 6, 7
  62. Kuba intashima—2 Timoteyo 3:2; Romans 1:21; Luka 6:35; 2 Timoteyo 3:2 67. Guhumana—2 Timoteyo 3:2; Abaheburayo 12:14
  63. Kudatungana—Abaroma 1:18, 29; 2:8; 6:13; 1 Yohana 1:9; 5:17
  64. Kuba umunyevyaha—Mariko 7:22; Luka 11:39; Ivyakozwe n’intumwa 8:22; Abaroma 1:29; 1 Abikorinto 5:8; Abanyefeso 6:12; 2 Abitesalonike 2:10, 12; 2 Timoteyo 2:19
  65. Umukenyezi yikomvomvora umushatsi—1 Abikorinto 1:14-15, Umukenyezi atitwikira—1 Abikorinto 11:5-16, Umukenyezi yigira umwigisha w’abantu—1 Timoteyo 2:11-15; 1 Abikorinto 11:33-37.
    Umuvugishwa Yesaya yanditse ati:”ibigabitanyo vyanyu nivyo vyabatandukanije n’Uhoraho Imana yanyu kandi ivyaha vyanyu nivyo vyabanyegeje ubgiza bg’Imana kugira ngo n’Imana ntibumve.” Icaha n’ico ukora, ico wiyumvira, ikiri mu mutima n’imbono yawe idahuye n’ubugombe bg’Imana. Harimwo guca mu vyagezwe vy’Imana mu gukora ibibi n’ibitarivyo kugororoka mu maso y’Imana. [1Yohana 3:4, 5:17]
    Har’ivyo wokwibaza yuko bisa canke yuko twoba twisubiyemwo mugabo usomye muri Bibiliya iyo mirongo niho utahura gusumba ico Mpwemu w’Imana akubarira ukwiriye guhindura kuko akarorero ukwiba kuri kwinshi, ugusambana kuri kwinshi, ugutukana kuri kwinshi gutyo gutyo.
    Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana ryatoranijwe ngo (1) Rizigame ukuri kw’ijambo ry’Imana, (2) Rigarukane igitinyiro c’Uhoraho Imana, (3) Ritware umuvyuro n’ikanguro kw’isi, (4) Ritegure umugeni wa Yesu Kristo agiye kuza gutora, (5) Mu mwanya Yesu ataraza, abantu babe barabaho neza kugira ngo bakorere Uhoraho Imana. [Ivyahishuriwe Yohana 22:21]
    Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo Yamamare !