
Hariho ibibi vy’urukozasoni bibera mu gihugu abantu bakabifata ibisanzwe mbere bamwe bakizagira ngo ni irementanya abandi nabo bakabirenza amaso. Mbere umupatiri wo mu ntara ya Ngozi yarashirashuje umwana atwara inda, abonye bimenyekanye yigira inama yo kugandagura imbanyi na nyina. Mu nyuma mu Ntara ya Ruyigi umwungere w’Ishengero afatirwa mw’isengero ariko aragoka ku mwana. Hariho n’ibindi vyinshi biba hirya no hino mu gihugu bigahera uko. Imana yihanganiye vyinshi ubu birakwiriye guhinduka.
Ubutungane Muntara ya Muyinga.Umwigeme NIYONSENGA Claudine wo muntara ya Muyinga Commune Giteranyi agacimbiri Rukungere arasaba ubutungane bw’iyontara kumutunganiriza kubera ifatwa kunguvu nihohoterwa yakorewe n’Umuyobozi w’Ishengero FECABU ryo muri Commune Giteranyi ,Intara ya Muyinga Pastor Hakizimana Oscar yarashurashuje Umwana yiga mumwaka wa Gatanu yitwa Niyonsenga Claudine mugihe yarimumaranye amezi arenga 3 mucumba c’Amasengesho kubera uburwayi bwo mumutwe. Amaze gukorerwa iryobara Niyonsenga Claudine yarabimenyesheje abavyeyibiwe.Abavyeyibiwe nabo bihuse kubimenyesha inyamiramabi yo kukirindiro ca Commune Giteranyi OPJ.Inyamiramabi yarashoboye gufata uyo pastor iramufunga imisi 2 ica iramurekura atamatohoza akozwe.Umwana Niyonsenga Claudine yahavuye asabwa na OPJ kuja kwitura Sentare y’Intango ya Commune Giteranyi.Muntahe y’Icese yo kuwa 30/5/3023,Niyonsenga Claudine yaratsinze urubanza Sentare yaremeje icese ko pastor Hakizimana Oscar yafashe kunguvu yongera aratera inda umwana Ndayisenga Claudine mwene Nsabimana Nestor Tel:+25762814482 na Nzobonankira Dative,yarasanzwe agwariye kurusengero arongoye kubera uburwayi bwo mumutwe
Ngiki igihano SENTARE ya Commune Giteranyi yaciriye Pastor HAKIZIMANA Oscar : Hakizimana Oscar yategetswe na SENTARE guha ikimanyu c’Itongo uyomwigeme kingana na 20mx50m kugira azoshobore kurereramwo Uyomwana.
Sentare Ubwayo yamenyesheje ubwayo ko ariyo izoja gupima iryotongo
Gushika Iyisaha Pastor Hakizimana Oscar aridegemvya,Kandi akaba yaciye yungururiza urworubanza muri SENTARE nkuru y’Igihugu ya Muyinga muntumbero yo kujuragiza uyumwana
Niyonsenga Claudine arasaba gutunganirizwa kuko ataburyo afise bwo kuburanya uwumusumvya ubushobozi. Mukirego Niyonsenga Claudine yashikirije Sentare yintango ya Commune Giteranyi avugako Yemezako yasabwe gusambanywa nuyo mu pastor akamwankira ariko azakugondozwa n`Umurongo yamusomeye wo muri Bibilia uvugango.Ntimukimane « Ati ntayandi mahitamwo narimfise. Abacamanza 3 bashashe muri urworubanza:
1.Niyonsaba Renilde :Président
2.Ndururutse Leonidas
3.Niringiyeyesu Angelina
4.Tuyisenge Fulgence :Umwanditsi.