Urashobora gufasha abariko bariyubakira igicaniro i Cankuzo

ITANGAZO RYO GUTERERA BENEDATA BARIKO BARUBAKA IGICANIRO
Bene-Data bo mu ntara ya Cankuzo baratanguye kwubaka igicaniro co gusengeramwo Uhoraho Imana yacu. Biratangarijwe incuti z’Umusaraba wa Yesu Kristo aho ziri mu gihugu cacu no mu mahanga yuko umuntu wese yumva afise umutwaro wo gukorera Imana mu kugira ico atanze kubikora.
Mur’ivyo bikorwa, baracakehanije amabati 15, urugi rumwe n’amadirrisha 6, n’amahema atatu n’udufuko tw’isima. Umuntu wese yotanga ico yumva umutima wiwe unezerererwa. Naho wotanga igihumbi 1, 2 canke 5 ni amahoro menshi kuko ishikanwa duhaye Uhoraho Imana n’umunezero ntiriba rito.
“…Ubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umuntu wese atange nk’ukw’abigabiye mu mutima wiwe, atababaye canke agoberewe.” [2 Abikorinto 9:6-7]
Uwugomba kugira ico akoze wese yorondera umurongozi Alexis BASEREGETE (KWIZERA) kuri Whatsapp +257 65911281 canke Lumicash +25766247902
Umwami wacu Yesu Kristo Yamamare!

IHANGARYIMANA@GMAIL.COM Tel: +257 69723171 na +257 66247902